Entertainmenthomepagekirundi

Wema Nella ngo si ubwambere yararimvye, gusa urugendo ruratanguye

Wema Nella n’umuririmvyikazi akaba anafasha Impano zitandukanye, asanzwe ari umurundi aba muri Autralia akaba afise label yiwe yitwa Wema entertainment mu Burundi irongowe na Landry promoter.

Icipfuzo ciwe ngo n’ugufasha Impano zitandukanye kugira zigere Kure ariko nawe atiyibagiye.

Aheruka kurekura indirimbo ininahaza Imana yitwa “Mba Narihebuye”ariko ngo siyo ndirimbo yiwe yambere yaramaze kurekura indirimbo yitwa
“Ndagushima Mana” ariko Ubu akaba agiye kubandanya abaha bishasha ataguhagarika ndetse n’ibikorwa vyabari muri Wema Entertaiment hagiye kujamwo inguvu.

Abantu ashimira cane ni ama Radio n’ibimenyeshamakuru bakora uko bashoboye kose kugira ibikorwa vyiwe bigere Kure ndetse n’umuririmvyi Maguru aramushimira ukuntu bafashanya mu bikorwa bitandukanye.

Imana yo mw’ijuru mugihe ikimuzigamye Wema Nella agiye kubandanya atanga ubutumwa acishije mugahogo kiwe icasaba n’ukubandanya mu mushigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769