abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | APR Fc na Rayon Sports mu rugamba rwo gutahukana umukinyi wa Rukinzo Fc

Amakuru dukesha ikimenyeshamamakuru co mu Rwanda YEGOB avuga ko imirwi APR Fc na Rayon Sports iri mu rugamba rwo gutahukana umukinyi w’Umurundi Ndikumana Danny asanzwe akinira umurwi Rukinzo Fc .

Danny Ndikumana asanzwe afise umuvyeyi umwe w’umurundi hamwe n’uwundi w’Umunyarwandakazi yabwiye ico kinyamakuru y’uko yipfuza gukinira igihugu c’Urwanda iyo comwipfuza.

Uwo mukinyi yari amaze imisi ari kumwe na Rukinzo Fc mu nkino z’igiporisi co muri kano karere zari zimaze imisi ziriko zibera mu gihugu c’Urwanda,  aho yashoboye kugaragaza ubushobozi afise mu gucenga abakinyi ivyatumye aharonkeraho abakunzi batari bake .

Uwo mukinyi akina kuruhande inyuma yo kuboneka y’uko afise umuvyeyi umwe w’umunyarwanda , biravurwa y’uko umurwi wa APR Fc waciye utangura kumurondera naho uwo mukinyi atagize ico abivugako .

Biravurwa y’uko umurwi APR Fc wari wemeye kumutangako imiriyoni 20 z’amanyarwanda  igaca imusinyisha imyaka 2 , ariko Rayon Sports nayo ica imutangako imiriyoni 25 bivanye n’uko yabonye y’uko ari umukinyo mwiza.

Mwomenyako Ndikumana Danny ari mu kurangiza amasezerano n’umurwi wa Rukinzo Fc ukina mu cicaro ca mbere hano iwacu .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321