Entertainmenthomepage

Pascalinda kw’isabukuru y’amavuko yiwe yasangiye n’imfuvyi

Pascaline canke Pascalinda slameuse asanzwe afise n’impano yo kuririmba ndetse nogukina amareresi niwe  yaraye asangiye Pasika n’abana b’impfuvyi.

Pascalinda kubaho yatanguriye kwerekana Impano yiwe ibihe atazokwibagira n’igihe yahuye n’umukuru w’igihugu, ivyo navyo ngo vyagenze gute? 

Hari muri conférence y’urwaruka yabereye mu ntara ya Gitega, Pascaline yafashijwe n’umushikiranganji w’inkino n’imicokama kugira bikunde Slam yiwe yemererwe kuyivuga Imbere y’umukuru w’igihugu.

Ntivyari vyoroshe ariko vyarakunze, kubwa Pascalinda ngo vyaranamwuguririye n’imiryango myinshi harimwo no kumenyekana cane.

Igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2023 kuri pasika niho hari isabukuru y’amavuko yiwe vyaranse kwumva ko yokwisangiza umunezero aja kw’ifatanya n’abana b’imfyuvyi  barerewe mu kigo( orphelinat officiel de Bujumbura) Kiri mw’i Jabe.

Ico kigo kikaba kimaze imyaka 54 Kiriko kirakora kireze abana 50 , Pascalinda kumwe n’abamufashije atashimye kuvuga yagiye yitwaje n’agakemanyi kagizwe n’isukari,ubuyi,amavuta,isabuni, Pampers,amavuta yo kwisiga, jus nibindi,….

Wari umunezero udasanzwe kuko ngo umutima utanga urazi ko ariwo ushimwa n’Umukama, mu migambi yavuba ngo twitege KO arivyinshi agiye gukora ku mpano yahezagijwe atibagiye no kubandanya afasha muribike yahezagiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722