Burundihomepage

Amagogwa imiryango yo mu Gatumba igorewe hagati y’Amazi,Ingona, Inzara, Imibu n’Imvubu arakeneye ubutabazi bwihuta

Amagogwa imiryango yo mu gatumba igorewe hagati y’amazi,Ingona, Inzara, Imibu n’Imvubu arakeneye ubutabazi bwihuta

Ego nivyo Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu Iterambere rusangi n’Umutekano yarifatiwe mu gahanga yishugwa ibitari bimubereye igihe yari yagiye kuburira aba nya Gatumba ababwira ko bo kwimuka bakaja mu Cankuzo ntivya bagwa neza, ariko igikuru n’uko ari muri Reta Mvyeyi , imbabazi zari zikwiye guhabwa iyo miryango isa n’iya hamamutse ku mvo z’ibibazo biyugarije.

Ibibazo vy’abo ba nya Gatumba vyaravuzwe kenshi ariko aho iyo miryango na cane cane yegeranirijwe mu kibanza ca OBR igeze, kuva mu pera z’indwi twaraye dusozereye kw’igenekerezo rya 07/05/2023 irakeneye ubufasha bwihuta.

Gutabara s’ejo ubutabazi ni uwu musi nyene, none muti ico kogwa cihuta n’igiki?:

1.Ishirahamwe Mpuzamakungu Croix Rouge ryari rikwiye kuva mu gacerere rigasaba ubufasha bw’Igi Police kijejwe gukinga ibiza (Protection Civile) bakikora ku mato n’amahema ndetse n’ibindi bikoresho bafise bakaja ku rugamba rwo gutabara.
2.Ishiramwe mpuzamakungu Pam ryari rikwiye kwikora mu kigega c’intega bizoza rigafata igikowa co kugaburira izo mpunzi ziri mu ntambara y’ihindagurika ry’ibihe.
3.Abaganga n’amashirahamwe y’abagira neza yita ku bibazo vy’ingwara zo mutwe bari bakwiye kuja gushinga amahema mu gatumba bagakora ibijanye n’umuhamagaro wabo.
4.Police ijejwe gucungera Umutekano wo mu mazi yari ikwiye gushiga ikirindiro muri ivyo biyaga bishasha vyo mu Gatumba.
5.Abakozi b’Imana n’amashengero , amadini n’ibindi bihamagarira abantu kuzoja mw’ijuru, bari bakwiye kwegeranya infashanyo yihuta igizwe n’ivyo kurya , kwambara no kwifuka , bakaja gusenga biginga binginga Imana ko yotabara iyo miryango .
6.Mairie ya Bujumbura ko itokwigira Sindabibazwa kuko inzu y’umubanyi ihiye utazimije iyikurikira ni rwawe, ntiborindira ko Buramatari wa BUJUMBURA yobasaba ubufasha ahubwo bomwegera bagafashanya gukemura ivyo bibazo bihanze abo abene gihugu.
7. Ubushikiranganje bwo gufatana mu nda bwari bukwiye kuva mu gacerere bukereka Reta buserukira amakuba n’amagogwa yabo bantu ko yobafasha ku mvo z’uko ubushobozi bwabo bwananiwe.
8.Diaspora ya Province Bujumbura n’aba diaspora mu rusangi aho bari kw’isi yose ko batoguma barabira ku mbuga ngurukana bumenyi ibibazo biriko bibera muri iyo ntara bidogera Reta, bakagira ico bafashije guterera iyo Reta bitoreye.
9. Se Barundi ko yosubira kugendera aba nya Gatumba akabashira ijambo ry’ihumure, canke akarungika intumwa ziwe muri ico kibanza.
10. Aba nya Gatumba barakwiye kworosha Imitima bakaja mu biganiro na Reta bakarabira hamwe ivyo kwimugwa kuko inyungu bafise mu kuguma muri ico kibanza iri musi y’Uruhombo.
Ivyo ari nkahamwe bitofatwa minenegwe canke ngo bihabwe iyindi ntumbero uruhara rw’abarundi bifatanije n’Intahe yo kwikukira birakwiye kugira batabarane ata mu nyamahanga.

Mwomenya ko ibikorwa vyinshi birimwo amashuri , amavuriro, isoko , uburovyi, uburimyi, n’iyindi myuga mito mito yari itunze abo ba nya Gatumba yahagaze ku mvo z’iyo ntambara y’amzi ari naco gituma , bari mu nzara itagira izina, yakwirikiwe n’ihahamuka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717