Athletismekirundi_Sports

# Indundi Sports | Bujumbura niyo yatahukanye igikombe muri ya mahiganwa yo kwinonora imitsi ahuza amashure yisumbuye

Abanya Bujumbura baraye banditse amateka mu gutwara igikombe c’amahiganwa yo kwinonora imitsi .

Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 07 Rusama 2023 mu ntara ya Ngozi , aho hasozerwa amahiganwa yo kwinonora imitsi ahuza amashure yisumbuye.

Akarere ka mbere k’igisagara ca Bujumbura niko katwaye igikombe co ku rwerwo rw’igihugu n’amanota 1466 .

Hakaba hakurikiye intara ya Bururi mu kibanza ca kabiri n’amanota 1423 mugihe intara ya Bururi mu kibanza ca kabiri n’amanota 1423 mugihe intara ya Makamba yaje mu kibanza ca gatatu n’amanota 1412.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi Frédéric Bangirinama yatanguje icese izo nkino , yamenyesheje ko zituma abanyeshure bamenyera gutungwa n’ivyo birondereye , akabatera akamo ko kwama bafatira kuri ako karorero no mu vyigwa birinde ubusuma mu bibazo.

Yarangije atekera impanuro abanyeshure bimirije gukora ibibazo vya Reta abasaba kubitegura neza kugira bazobikorane umutima mu nda .

Mwomenya ko intara zafashe ibibanza vyanyuma ku rutonde rw’igihugu ari Cankuzo , Kirundo hamwe na Cibitoke .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 277