Entertainmenthomepage

Kwitwa abaririmvyi ba karaoké nivyo biyamirije

Abaririmvyi bateramisha abantu mu bibanza bitandukanye vyo kuryoheregwamwo ngo abibazako bashoboye gusubiramwo gusa indirimbo z’abandi ngo baravyihendako kuko bahora banasohora indirimbo zabo, kandi bashigikiwe ivyo bakora bikagaragara boja ku rwego rw’aba Stars. Akororero batanze ni Esther Nish ngo batanguranye mu makaraoke ariko ubu ageze ku rugezo rushimwa.

 

None n’ibiki bariko barakora kugira bagere kuyindi ntambwe?

Hari kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 9 Rusama 2023 aho bari bahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru kugira babashikirize imigambi bagiye gukorerahamwe

Abo baririmvyi baboneka cane muri karaoké nka Allsaint, Edwin, Ka Kelly, n’abandi bagize umurwi witwa the Finest ibikorwa vyabo bakazovyugurura icese k’umusi w’agatanu igenekerezo rya 12 Rusama 2023 kuri Miki iri avenue du Large guhera isaha cumi nazibiri zo kumugoroba gushika mu gatondo.

Bashimye kugira umurwi bitandukanye na za Band tumenyereye kuko bobo bazokorana mu kwisanzura n’ikizobuza uwuronse aho kubutse ngo areke kuhakubitira iyo ari umusi The Finest badafise akazi.
Aho kuri Miki bakazohora bakora Ku wagatanu no ku musi w’Imana barikumwe naba DJ bomuri Rutown Dj.

Akabirya nuko kumusi wo kwugurura bazoba barikumwe na Esther Nish nka Marraine w’igikorwa cabo batanguje.

Uko imisi izogenda iragenda bazoza barahamaga umuririmvyi kubamaze kw’ubaka amazina yabo kugira bifatanye mu guteramisha abazoba bishikiye muricokibanza kuri Miki.

Ico basaba ngo n’ukubashigikira kugira bashikane Kure Impano zabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722