Entertainmenthomepage

Kumwipfuriza Isabukuru nziza biba biramukwegeye

Ibintu birakaze mwa bantu mwe, mu makuru yacu aheruka twari twagarutse Ku buryo Big Fizzo vyavuzwe ko ariko arasomborotsa iyindi ntambara ishobora gusutama hagati yiwe na Lolilo, kubera ubutumwa aheruka gushira ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uno musi naho tugaruka ku nkuru ya Big Fizzo nyene na Belle Nice, aho ukumwipfuriza isabukuru nziza navyo vyabaye ikibazo ngaho Hanze.
Igenekerezo rya 11/5, hari ku musi wa Kane w’indwi ya 2 y’uku kwezi Kwa 5, niho Belle Nice yagira isabukuru y’amavuko, y’imyaka atabashije gushikiriza ngo n’ingahe. Kanatsinda murabizi ko imyaka y’ubu isigaye izimvye nk’igitoro mu gisagara ca Bujumbura.
Uwo musi nyene ku batari abafana biwe, n’umusi isi yibukirako umusi umugabo yitwa Bob Marley yitabiyeko Imana. Uwo Mugabo akaba azwi cane mu bijanye n’umudiho wa Reggae.
Ikimenyetso c’aba Rasta, kikaba kidashobora kubura mu mashusho aba aranze isabukuru ry’uwo mwigeme, yarasanzwe azwi cane kuba ari umukunzi wa Sat-B.
Nk’abandi bose Big Fizzo nawe yabaye umwe mu bifurije uwo muvyeyi wa Liam umusi mukuru w’amavuko mwiza, ariko ntiyaba wenyene muri Bantu Bwoy, kuko na Manager Stein akaba Kandi n’umutambukanyi wa Big Fizzo, akaba Kandi na Chef w’ihuriro ry’abaririmvyikazi hano iwacu ribarizwamwo Belle Nice nawe yabashije kuboneka mu bamwipfurije isabukuru nziza.
Amajambo bashikirije vy’ukuri uravye wogira ngo nta kibazo na kimwe, ariko abandi bo bahavuye babonamwo akabazo mu butumwa bwanditswe n’umwe mu bari muri Team irabira hafi ivya Big Fizzo.
Big Fizzo yanditse agira ati :” Isabukuru nziza Mama Liam…. Imigisha myinshi.” Ayo majambo ayaherekezesha ishusho rya Belle Nice yambaye akabutura kagufi n’agahuzu bita aga singeri. Ishusho ryahavuye rivugisha abatari bake mubo twabashije kubona.
Madam Stein nawe akaba yanditse ngo :” Isabukuru nziza Sexy Mama… Umusi uwurye ntukurye… #ntitugitinya.” Ariko we ntiyagira nk’umusore wiwe ariko Kandi ari n’umugabo wiwe Mugani Desire ngo akoreshe agafoto ka Belle Nice ari Sexy, ubona ko tutabuze, Kandi yari yamushiriyeko ako kajambo ka Sexy Mama, ahubwo ashirako amashusho bafashe barikumwe igihe co gusangirira hamwe ku musi wahariwe abagore kw’isi.
Uwo musi Belle Nice yipfurijwe n’abantu benshi cane isabukuru nziza, barimwo abaririmvyi, abagenzi biwe bisanzwe, n’abandi benshi. Uwo musi nyene yanabashije guhabwa utuganuke tutari duke, turimwo utwo yahawe n’abo tutamenye, akarorero n’icupa ry’inzoga yasangije abantu ku rubuga rwa Instagram, aho yariko ashimira uwarimuhaye.
Uwundi yamenyekanye ko yamuhaye akaganuke ni Miss Erica, aha yamuhaye akaganuke ka Apple Watch, akurikizako ko Belle Nice asanzwe afise agahamagazo ka Iphone 13, imwe muma Telephone mashasha Kandi azimvye isi ifise.
Ntihamenyekanye ko Big Fizzo canke Manager Stein hari akaganuke bamuhaye, ariko ivyanditswe na Mr. Yassin umwe mubafana bakomeye ba Big Fizzo, bishobora kuba ari akaganuke gakomeye uwo muririmvyi adaheruka gushira ahabona igikorwa na kimwe yabashije Kuronka uwo musi.
Uwo Mugabo asanzwe ashira ku rubuga rwiwe rwa Facebook na Instagram, ibintu bigaruka Kuri Big Fizzo bigera Kuri 90%, ugereranije n’ivyo asanzwe avuga Kuri urwo rubuga, yamwipfurije isabukuru nziza, akoresha amajambo yatumye abantu muri Commentaire basara.
Mr Yassin, umuntu atazwi nimba ari inzobe, yirabura, ari mugufi canke muremure kuko na Big Fizzo ubwiwe amaze kubazwa akatari gake ko yoba ariwe akavuga ko nawe atamuzi, naho abatari bake baguma bavuga ko uwo muntu ari Big Fizzo ata nkeka, bivanye n’uburyo avuga uwo Mugabo Mugani, nawe ntiyaretse kwipfuriza isabukuru nziza uwo muririmvyikazi.
Mr Yassin yanditse agira ati :” Isabukuru nziza Belle Nice, kuba Single bikubere umugisha… ♥️ ” Ako kajambo ka Single Niko kabaye imbarutso Kuri urwo rubuga rwiwe rukurikirwa n’ibihumbi vyinshi vy’abafana ba Big Fizzo, hamwe n’abatamwerekwa hano iwacu.
Abantu babonetse muri Commentaire z’ivyo Post bakaba bagize ama Commentaire nkaho bariko babwira Big Fizzo. Bishoboka ko bibaza ko ivyo uwo Mugabo Yassin ashira Kuri urwo rubuga abihabwa, canke abitegekwa na Mugani Desire ubwiwe.
Umwe mu bagize ico bashikiriza yavuze ko abantu bariko barashaka gusubiza hasi Big Fizzo mu kugomba kwisemba Sat-B, aha akaba yagarutse kuri ico c’uko Big Fizzo yipfurije isabukuru nziza Belle Nice. Kubwa El Hadadi Niyonzima ngo nta mu Legend yisemba.
Uwundi yavuze asa n’uwubwira Big Fizzo akaba yavuze ko Mugani amubesha Belle Nice, ngo nawe vyamunaniye kuguma ari Single, kuko kera yarara aho ageze, ariko ubu ngo afise aho abarizwa. Arangiriza kumubaza aho yasanze umunezero.
Uwitwa Nzojibwami Kevin yanditse agira ati :” Weyayu ko wosha abandi we vyarakwankiye kuguma uri Single. Ko kera warara aho ugeze hose, ubu ukaba ufise aho ubarizwa, so umunezero wawusanze hehe yayuuu?”
Uyu muntu akaba yatanze amakuru atoroshe kwemera kuko atacemezo dufise ko Mugani Imbere yo kwubaka urugo na Stein yoba yarara aho ageze.
Ababwiwe muri izo comment si Big Fizzo gusa kuko na Yassin nawe yarabwiwe, kuko bamubajije ikumuryoheye, nimba Ari ukubera Belle Nice ari umu Single. Abandi n’abo bakabaza ico yoba yarafatiyeko mu kugira avuge ko ari Single, canke nimba ariwe yoba yaramugize Single. Ariko akaba ataco yabashije kwishura kuri ubwo butumwa.
Abandi babwiwe ni Belle Nice ubwiwe, aho abatari bake babazanije nimba vy’ukuri Belle Nice na Sat-B, ivyabo vyararangiye, canke ari agakino. Hakaba harimwo n’uwasa naho yerekana ko ivy’ukwo guhebana kuvugwa hagati ya Belle Nice na Sat-B, ari inkinamico kuko ngo aheruka kubabona barikumwe mu kibenga.
Abandi babonetse Kandi banavuze ko uwo mugore adashobora kuba single, kuko ngo afise ivyo akunda ku bagabo bidashobora gutuma aba single.
Abandi bo bakaba bagiye kure cane, aho bamwagirije kumenyekanisha ingeso mbi z’ubumaraya. Ariko ngo iciza nuko azi impembo yavyo ku musi w’imperuka.
Uwo yabimubwiye akaba ari uwitwa Habarugira Damascene, aho yavuze ngo :” Nakomeze yitwikire mu kwamamaza uburaya impembo arayizi, kwari ugutwikwa ku musi w’imperuka.”
Aya majambo akaba atari irya mbere ayagirijwe, kuko mu misi iheze yigeze guterana amajambo na bamwe mu bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho naho nyene bamwagiriza kuba yarataye umurongo akaja mu nzira z’ubuhumbu.
Muri ukwo guterana amajambo kwari gushusho ico gihe Kuri urwo rubuga rwiwe rwa Facebook, Belle Nice akaba yababwiye ko bakwiye kwiraba, kandi ntibace Imanza, kuko ngo igihe nicagera, umuntu wese azobazwa ivyiwe.
Ibi bikaba vyakurikiranye na comentaire yabonetse Kuri Twitter y’umu Influencer Elsie Gretta muri kino gihe abarizwa ku mugabane w’uburayi aho yasaba ikigongwe Belle Nice kuko yari yavuze ko ari Umugore wa Sat-B.
Imbere yuko Belle Nice atanga umuco Ku mubano wiwe na Sat-b, abamukurikirana Kuri Twitter bakaba bari bamwishuye, kuko bamubwiye ngo Belle Nice akaramuka abonye ko yamwise Madam Sat-B, ngo bari bwihurize.
Nayo abandi bakaba babwiye Elsie ko atumva, abandi bamubaza nimba boba baragiye kwandikwa Imbere y’amategeko, canke nimba ashaka gusubira Kandi kubahuza.
Ico kigongwe yagisavye abonye aho Belle Nice yishuye muri post avuga ko igihe nicagera azogira ubugeni, ariko ngo gushika ubu akaba ari Single.
Mu misi iheze Kandi Belle Nice yanaheruka kwishura abantu ku rubuga rwa Facebook ngo ntihagire uwuzosubira kumuhamagara Madam Sat-B.
Ibi naho bimaze imisi, vyarabonetse ko mu kwezi Kwa 2, ku musi wahariwe abakundana, Belle Nice na Sat-b barikumwe muri imwe muma hotel y’i Bujumbura, akaba yanahamuhereye amashurwe, aho ryari ribaye irya mbere uwo muririmvyi Sat-B abikora kuva bagendana.
Imbere yaho Gato, hakaba haranakwirakwijwe hirya no hino aka Video ka Belle Nice ariko azunza igisusu imbere ya Sat-B, bari mu bwiherero. Uwo musi hakaba hari umusi Sat-B agira Listening party ya Album yiwe yaheruka gusohora yise Hello Africa.
Utwo tuntu duto duto tukaba aritwo tuguma tugaruka tugatuma hibazwa nimba ukwo kuba Single Kwa Belle Nice vyoba arivyo, canke ari ububeshi, kuko Sat-B amaze kumenyekana cane mu bijanye n’ubuhinga mu kubesha abafana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722