abakinyi bakina hanzefootballhomepageprimus ligue

# Indundi Sports | Uburongozi bw’umugwi Inter Stars bwaraye bushimiye abakinyi

 

Inyuma yaho umurwi Inter Stars udakorokeye mu cicaro ca kabiri , Uburongozi bw’uwo murwi bwaraye busangiye umunezero hamwe n’abakinyi .

Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 21 Rusama 2023 kuri Ingo Bar , aho Uburongozi bw’umurwi Inter Star bwari buramutse busangira n’abakinyi mu ntumbero yo kubashimira kugikorwa gikomeye cane bakoze co kudakorora umurwi .

Uwurongoye Inter Star Mpingwe Amissi Willy avuga ko abakinyi biwe ari abarwanyi bivanye n’ingene barangije ihiganwa bafise abakinyi batarenga 14 , mbere rimwe na rimwe vyashika bagasanga bafise abakinyi 12 bivanye n’uko hari abakinyi bamwe bamwe bagumutse bata umurwi, ari nayo mpamvu yatumye abahamagaza kugira basangire hamwe ndetse anabashimire ku gikorwa gikomeye cane bakoze co kugumiza umurwi mu cicaro ca mbere .

 

 

Karenga Ramadhani yigeze kurongora umurwi Inter Star yari yishikiye kuri Ingo Bar

Abajijwe ibanga bakoresheje kugira ntibakoroke mu cicaro ca mbere , yavuze ko ata banga rinini bakoresheje atari indero kuko nta kintu nakimwe cotera imbere ata ndero ( Discipline).

 

 

Uburongozi bw’umurwi Inter Star

Mwomenya ko abari bishikiye kuri ico kibanza ari Abarongozi , abatama bakera ba Inter Star ndetse n’uwahoze arongoye uwo murwi mu myaka iheze Karenga Ramadhani .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 823