Entertainmenthomepage

Ivy’ukunuka BETV ibitoye ahandi, DJ Paulin abivugako

Akajambo ukunuka kaheruka kuvugisha benshi, bamwe bakanacanamwo, bakanavuga amajambo atari meza, gasubiye kugarukanwa ku rubuga rwa Twitter.
Ikimenyeshamakuru BETV, giheruka gukora inkuru mu gisata co kwunguruza abantu, aho bagarutse kuri bamwe batoza amafaranga bakunze kwita aba Convoyeur, aho abo bagabo bidogerwa cane n’abunguruzwa muri izo modoka.
Abo bagabo muvyo bagirizwa harimwo kuba baba bambaye nabi, badasa neza, bananuka.

Aka kajambo rero ko kunuka kakaba ariko kaciye kavugwa cane Kuri urwo rubuga.
Umugabo yitwa Dj Paulin yavuzwe cane mu misi iheze kubera kuba yaravuze ko abaririmvyi bamwe bamwe bafise akamoto katari keza, akaba nawe yaciye akora commentaire Kuri Twitte yakozwe n’umuntu Kuri Twitter yitwa Umuhinga Yigenga, aho yavuze atwenga ngo murasubiriye kandi kuzana ibintu vyo kunuka.
Uwo Mugabo muri ino misi abarizwa mu bubirigi mu bikorwa vyo gutegura igiteramo ca Drama T, akaba yakiriwe n’abatari bake,aho bamwe bagumye ku kijanye n’ukunuka kw’aba Convoyeur, mu gihe abandi bo babonye ibindi Kuri iryo jambo yanditse.
Bamwe bavuze ko vy’ukuri biteye agahinda kuba abo bagabo baba badashaka gusa neza mu gihe bari mu kazi, ngo birababaje cane.

Abandi n’abo bakaba baciye bibutswa igihe uwo Mugabo yafatirwa hejuru kubera amajambo yashikirije, aho gushika n’ubu hari abakivuga ko yakosheje. Ubu naho baboneraho akaryo ko kumwihanganisha, bavuga ko bizorangira.
Muri iyo nkuru yashikirijwe na BETV, hakaba havuzwe ko aba Convoyeur bazanwa na bene imodoka ngo nibo baba banuka, ariko abahamagarwa n’aba Chauffeur ngo ntibareka guhimirizwa ngo bambare neza, ariko Kandi ngo banashireko n’aga Parfum.
Aba Convoyeur b’ama Bus asanzwe, bakaba ngo aribo benshi banuka, ibitandukanye n’abakorera ana Coaster.
Ako kajambo ko kunuka rero mu masaha makeya Kuri urwo rubuga, kakaba kari kakomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722