Entertainmenthomepage

Umukenyuro wo gukorana na Drama T na Juno Kizigenza ubandanya kurya

DJ Paulin ibiharuro yakoze mu gukorana n’abaririmvyi Drama T na Juno Kizigenza, mu ndirimbo Your Love yasohoye ku musi w’ejo, ntiyihenze, kuko ibiharuro bihari vyerekana ko igikorwa cakunzwe Kiriko kirakundwa cane.

 

Ku bataronse amakuru, Iyo ndirimbo Your Love yasohotse Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 25/5, mu masaha 2 isohotse, yari imaze kurabwa n’abarenga 5000, mu masaha 4, yari igeze kuri Views 20,000, mu masaha 6 yari igeze ku 61,000, nayo mu masaha 19, yari isigaje ibihumbi biharurwa ku ntoke ngo ikwize 100,000 vy’ama Views. Izo views yazikwije mu masha 20 gusa.
Iyo ndirimbo Your Love yasohotse bamaze gushika mu Bubirigi na Drama T, ikaba ishobora kuba ari iya mbere muzo amaze gukora irabwe cane gusumba izindi mu mwanya muto.

Mu kiganiro uwo Mugabo yahaye Akeza, yabajijwe ibijanye n’umugambi afise, hamwe n’ikijanye n’amafaranga ashira muri ivyo bikorwa vy’umuziki.
Inyishu yatanze, yavuze ko ataraba amafaranga ashiramwo, ariko we ngo ico aba yipfuza n’ukuronka ibikorwa vyiza. Nko Kuri iyi ndirimbo amasanamu akaba yamenyesheje ko igice kinini cakorewe mu Rwanda, ariko ikindi gukorerwa hano iwacu.
Ku kibazo c’umugambi naho, akaba yamenyesheje ko ari ukugira abashe guteza imbere umuziki, aho avuga ko atazogarukira ngaho, kuko afise n’ibindi bikorwa bikiri inyuma.

DJ Paulin akaba afise Indirimbo zitari nke, zirimwo n’iyo yakoreye Big Fizzo mu myaka 13 iheze, iyo nayo akaba ari Munyana yakorewe mu Bubirigi.
Kuri iki kibazo nyene c’umugambi, akaba yarigeze gushikiriza ko aho azungukira ari uko ibikorwa azokorana n’abo baririmvyi ngo bizoja ku rubuga rwiwe rwa YouTube, igihe ni cagera akaba Monetise, ngo azoheza nawe aronkere aho abandi baronkera, haba Kuri YouTube co kimwe no kuri y’ama Platform agurisha umuziki.
Igituma rero twashimirije ko ibiharuro yakoze ari vyiza cane, nuko ubu urubuga rwiwe rumaze gukwiza abarukurikirana barenga 10,000, nayo Indirimbo ziwe uko zigenda zigwira Niko n’ama Views zironka agwira.
Your Love iheruka gusohoka mu masaha adashika 24, ikaba yafashe ikibanza ca 3 mu ndirimbo zimaze kurabwa cane. Bisigura ko mu ndwi imwe ishobora kuba ari iya mbere mu zimaze kurabwa cane.

Indirimbo ifise ikibanza ca 1 mu kurabwa cane akaba ari Doda yakoranye na Mb Data na B face, imaze kurabwa incuro zirenga 302,000 mu myaka 4.
Iyiza mu kibanza ca 2, akaba ari one the Low yakoranye n’umunyarwanda Meddy na Mb Data nyene. Iyiza ubwa gatatu akaba ari iyo nshasha ya Your Love.
Iyi ndirimbo Kandi ikaba iza gukundwa cane, kuko yakozwe n’abaririmvyi bakunzwe cane mu Burundi no mu Rwanda, ariko Kandi ikaba ije mu gihe abafana ba Drama T bari barindiriye iyindi ndirimbo nshasha, kuko bari bemerewe 2 imbere Yuko aja gukora Ibiteramo I Burayi.
Nayo ku kijanye n’ico amaze kwunguka, nuko iyo ndirimbo imaze kumuzanira abantu barenga 5000 bakora Subscribe kuri YouTube yiwe.

Niyaba YouTube yiwe yaramaze kuba Monetize naho, iyo ndirimbo yonyene ikaba ishobora kuba imaze kumwinjiriza ayari hagati y’$49-$395, muri ayo masaha makeya imaze, nkuko vyerekanwa n’urubuga Social Blade, rwegeranya amakuru y’imbuga za YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722