Entertainmenthomepage

Diamond Platnumz ngo asigaye avuga icongereza nk’uwaconse

Nasibu Abdoul Juma benshi muzi nka Diamond Platnumz ngo ubu icongereza avuga gisa neza ugereranije n’ico yavuga mu myaka yahera.

Urwo rurimi mva makungu yize akuze, rukaba ruheruka kumwerekana neza, aho hasohokeye igice ca 2 c’ireresi r
ya Netflix bakunze kwita Reality show, ryitwa Young, Famous and African ryakiriwe muri Afrika y’epfo.

Abafana bukurikiranye iyo reresi bakaba bagereranije nuko yavuga icongereza mu gice ca 1 c’iyo reresi yasohotse mu mwaka uheze wa 2022, ariko Kandi baca banagereranya n’uko vyanse ko yishura ikibazo yabajijwe mu mwaka wa 2018 n’imfura yiwe Lattifa.
Ubu abafana bakaba bavuga ko Diamond yateye Intambwe ikomeye mu kuvuga urwo rurimi rwaje n’ubwato, kuko kanatsinda asigaye arukenera cane kubera amabanga asigaye afise amusaba guhura n’abanyanahanga b’abategetsi bakomakomeye.
Naho atari N
nico, uwo muririmvyi akaba azunguruka Ibihugu bitari bike, aho aba ajanye n’ugukora ibikorwa vy’umuziki, Kandi ahatari hake akaba akenera kuvuga icongereza gusa.
Diamond Platnumz urwo rurimi bavuga ko asigaye avuga nk’uwarwonse, akaba atarwize cane mw’ishure, ahubwo we co kimwe n’abandi baririmvyi bakomakomeye muri Tanzania muri kino gihe, bakaba barwize barwigishijwe n’umwigisha, kuko basanze barukeneye cane.
Abaririmvyi ba hano iwacu nabo nyene, ubu bakaba baguma basubira ku ntene y’ishure kugira babashe kwiga neza urwo rurimi nkenerwa mu bikorwa bakora vy’umuziki. Uwuheruka kumenyekana akaba ari B Face ari ku ntebe y’ishure kugira abashe kumenya urwo rurimi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722