Entertainmenthomepage

B Face mugihe hariko havurwa ko yoba yatorotse aramenye igihute

B Face mu makuru yacu twagiye turabashikiriza twarabamenyesheje ko ikibazo ca Visa, cavuyemwo induru

Igenekerezo rya 28 Rusama 2023 ariho yahaguruka mu gisagara ca Bujumbura yerekeza muri Australia.
Urugendo ni rurerure, akavuze bamwe ngo ushitseyo ntiwokwipfuza kugaruka none yarashitse?

Amajambo yari yabaye menshi ku mbuga ngurukana bumenyi ko atariko araboneka ku murongo wiwe wa telefone ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuririmvyi w’umu rappeur nkawe Kingorongoro aho yaciye amusaba ngo ntahunge kuko abarundi bamuhanze amaso.

Hari abashize comentaire zitandukanye kur’ivyo vyashikirijwe na Kingorongoro bamusaba ahubwo ngo yoba agize neza kutagaruka abandi ngo ntihararengerana kuko biranashoboka ko akiri mu rugendo kuko iyo umuntu ari mundege conetion ntiziheza ngozikore hari n’abagarutse baramusaba kutiyumvira ikibazo co gutoroka kuko ngo azoba yikuye amata mu kanwa.

Inyishu y’ibibazo vyose akaba yamaze kubitangira inyishu kuko yashize amafoto ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ukuntu yakiriwe anashimira abamwakiriye urwaruka rusanzwe ruba ngaho muri Australia “Bucoma”

B Face yatumiwe muri Soirée de Gala iba uko umwaka utashe mu ntumbero yo gushigikira Impano z’urwaruka ruba ngaho muri Australia bikazoba igenekerezo rya 2 Ruheshi 2023

Bigiye kugenda gute?, Bmbizokunda B face agaruke? Wewe umusabiki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722