Entertainmenthomepage

Mow Kanzie na Past. Denise Bucuti ntibabibona kumwe

Ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorerwa abagore, ribaye ikibazo hagati ya Pastor Denise Nkurunziza, Mow Kanzie hamwe n’abumvise ivyavuzwe n’uwo mukozi w’Imana muri Video igize imisi iriko irazunguruka.

Mow Kanzie n’umutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu, Pastor Nkurunziza Bucumi Denise ntibariko barahuriza ku gituma abakobwa bafatwa ku nguvu, nkuko twabibonye ku rubuga rwa Twitter.

Hari Video muri ino musi iriko irazunguruka y’uwo muvyeyi aho avuga ko aterwa ubwoba n’abigeme bambara impuzu ngufi, canke ndende ariko zibegereye. Igituma aterwa ubwo bwoba ngo nuko abo bigeme bashobora guhura n’ibisare, noneho bikabafata ku nguvu.
Iyo Video, ikaba itavuzweko rumwe n’abayibonye barimwo Mow Kanzie, yahavuye anagira ico ayivuzeko ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

Uwo muririmvyi akaba yanditse Kuri iyo Video yari yasangijwe abantu biciye ku rubuga rwa Twitter rwa Burundi on the Map, ko naho havuzwe ko abifatwa ku nguvu ari abambaye ngufi n’izifata gusa, ngo abo sibo bonyene bakorerwa ako kabi kabishe.
Yanditse agira ati :” Iyaba Hafatwa ku nguvu basi abambaye zigufi n’izifata gusa, le monde est Mauvais malheuresement.”

Ico ciyumviro ca Mow Kanzie ntiyaragifise wenyene, kuko abatari bahavuye baca bamwakira bavuga ibitandukanye n’iciyumviro cari cashikirijwe n’uwo mukozi w’Imana.
Abatari bake bakaba bavuze ko uwo mukozi w’Imana iciyumviro ciwe ngo kidatomoye, kuko muri kino gihe tugezemwo, abafatwa ku nguvu atari abambaye ngufi gusa, ariko Kandi ngo ntiyarakwiye kurabisha ibibazo ku bagore, ahubwo ngo yarakwiye kubwira abagabo ngo bitware neza bahagarike gufata ku nguvu.
Uwitwa Nkuru Emery yanditse agira ati :” UN Violeur ntaraba ngo wambaye ibi canke ibi, naho woba wambaye izicuma yogufata ku nguvu! Kuberiki iyo Image ko uwambaye izikwega hasi atofatwa ku nguvu?

Uwitwa NDIHOKUBWAYO nawe yanditse mu gifaransa agira ati :” Ntazi ivyo ariko aravuga, umuvyeyi nkuyo yubahuka kugirira promotion ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorerwa igitsina gore. Birababaje. Hakwigisha abagabo ngo bagumize ibihimba vyabo mu mpuzu, tuvyegeka kuri bashiki bacu.”
Nayo uwiyita bizoza nawe yagize ati :” Mu kinjana ca 21, ntibikiri ku bagore bambara ngufi, ahubwo ku bagabo bafise ivyiyumviro vy’abafata ku nguvu. Murakoze.”

Naho wumva abataravye ryiza Pastor Denise Bucumi hari abatari bake, n’abataravye ryiza Mow Kanzie yagira ico abivugako, n’abo ntibabaye bake, kuko bamwe mu bagize ico bashikiriza Kuri iyo post yakoze babaye abatari bake.
Bamwe bakaba bavuze ko ariko yigwanira kuko azi ko azambara izo ngufi, abandi bamubwira ko ahubwo akwiye kwicunga nayo ahandi nawe ngo azohava afatwa ku nguvu, nayo abandi bakaba bavuze ko kuba Mow Kanzie yavuze Kuri ico kintu hari ukuntu nawe yisanze muri ico gitigiri Pastor Denise yavuze.

Uwiyita Vumbi yanditse avuga ngo :” Mow Kanzie nawe utigengesereye bazokuyora.”
Uwinyegeje inyuma y’izina rya NDI IMBWA nawe agira ati :” uriko URI defenda nku revolutionaire wambara ubsua. kwambara ubusa ntibisigura gusa ko ata ndero ugira, ahubwo bisigura ko n’abavyeyi bawe ba Failinze mu kuguha indero.”
Nayo Kenny Axcel nawe yagize ngo :” None Ko umengo ubishizemwo Inzigo. Si wewe yariko aravuga.”
Nayo uwitwa Simon SB yaciriye umugani Mow Kanzie ngo :” Iyo uteye ibuye mu Bibwa vyinshi ikibweje nico kiba cafashwe.”

Muri abo bagize ico bashikiriza ntihabuzemwo abashigikira uwo muvyeyi kuko bari abavuze ko ivyo ashikiriza ari ukuri, ariko habamwo n’abavuga ko naho ashikirije ivyo, ngo impande zose zari zikwiye kwiraba.
Mow Kanzie Kandi yanavuzweko, aho abantu bibaza, iyo ukubatizwa kwiwe twigeze kubona mu myaka iheze, kwahereye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763