Entertainmenthomepage

Daddy Face nubwo yari mu gacere ngo ibikorwa biruzuye

Umuririmvyi Daddy Face aravyemanga ko yari yaranyoteje abakunzi biwe mugabo ngo ni kumvo zitamuvuyeko uziko asanzwe aba mu mahanga akavuze Drama T ngo ubuzima bwaho ntibworoshe.

Yamara nuko biriko ngo Daddy nubwo atasohora indirimbo ntiyasiba kuja muri Studio kuko ngo afise ibikorwa vyinshi n’ikimenya menya ngo ubu agiye kuza arabaha ibikorwa ataguteba.

Indundi Magazine tukimurondeza ngo tumenye iyo yapotereye niho twagiye tubona asohora indirimbo yitwa “Kidogo”yasohotse igenekerezo rya 14 Ruheshi 2023 aho yayishira ku rubuga rwiwe rwa Youtube.
Aho n’inyuma y’indirimbo yari yarakoranye na Big Fizzo yise Monica haraciye umwaka urenga

Bikunze twomwita New Daddy Face kuko hari vyinshi ubu ariko arategura ngo tumwitege ubu vuba atagihindutse agiye kwerekana ibikorwa yahoramwo

Nawe uramaze kubona indirimbo Kidogo by Daddy Face? Kubitira kuri youtube uyirabe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722