Entertainmenthomepage

Sat-B aritwarira Ubushikiranganji canke abanditsi?

Abarundi bakunda umuziki, ngo baratutswe mu bitabo bikoreshwa mu Kwigisha igifaransa abanyeshure bo mu mwaka w’8. None Sat-B ariko ahanurwa kwitura ubutungane, ngo bamurenganure.
Bizimana Aboubakar karume ngo yamaze gutera intambwe yo kwitura Ubushikiranganji bw’indero ngo barabe uko bahindura ivyamwanditsweko mu gitabo co mu mwaka w’8.

Uwo muririmvyi Kuri 4 yari yanditse ashima ariko Kandi anegura ivyanditswe muri ico gitabo c’icigea c’igifaransa. Ico gihe akaba yavuga ko igituma adashima 100%, ngo nuko banditsemwo ko abo two kwita aba Maiyobobo ngo aribo bana batamvye umuziki wiwe.
Uwo muririmvyi akaba yavuga ko ukwo ari ukudaha agaciro ibikorwa vyiwe mk’umuririmvyi, Kandi usanzwe umutunze we n’umuryango wiwe.
Yagize ati :” Muri iki gitabo co mu mwaka w’8, mu cigwa c’igifaransa hagaragaza uko izina Sat-B ryamamaye ariko rigasuzugururwa bivanye n’ukuntu handitse ko seul Les jeunes Delenquants aribo baza gutamba. Je Peu Vous Rassurer que umwuga wanje umbeshejeho n’umuryango wanje. Turashaka ihinduka ku kuntu umwuga w’umuririmvyi utahurwa mu Burundi.
NB : Nayo Ubundi ni vyiza kuba batwiga tutize.”

Inyuma y’ubwo butumwa abantu batari bake bakaba baramushigikiye bamwe bavuga ko imbere yo kuraba uruhande rubi rw’uwo mwuga bonabanza kuraba uruhande rwiza, rurimwo umunezero uzana, co kimwe n’uburyo ufasha mu guteza imbere igihugu.
Abandi bamwagiriza kuba anywa urumogi, none bishura muri Commentaire Kuri Twitter, kuko yahakanye ivyo bamwagiriza, n’abo bagasaba n’abavuga nkaho babifitiye ivyemezo.

Nayo abandi bakaba bamusavye kubanza Kwanza Gushima, kuko ngo ico gitabo kitazokora umwanya mutoyi gusa, ahubwo ngo kizoguma mu mateka.
Abandi n’abo bakaba bagiye kure bavuga ko uwo muririmvyi bamurengeye akarimbi, bavuga ko igikorwa cakozwe n’umwanditsi w’ico gitabo, ngo ataho bitandukanye n’ibikorwa n’imbeba yitwa mushushwe aho ikirya iguhuha.
Uno musi wa gatanu, uwo muririmvyi yahavuye anasubira kuvuga Kuri iyo nkuru, aho yavuze ko ubu naho yamaze kurungika intumwa mu bushikiranganji bw’indero ngo ico gitutsi batutse abakunzi biwe n’abakunzi b’umuziki muri rusangi.

Yanditse agira ati :” Mpejeje gusaba uburongozi bwanje kuja mu bushikiranganji bw’indero kugirango barabe ko bihindura iki gitutsi ku bakunzi Banje, n’abakunzi b’umuziki muri rusangi, mu rwego rwo gukingira umwuga wo kuririmba mu Burundi.
N.B : Vyari bikwiye ko Uburundi butera intege, Ingabire, Ubushakashatsi co kimwe no guhanga. ”
Ubwo butumwa ntibwijanye, kuko abatari bake babugarutseko, aho vy’ukuri bagaragaje ko ivyakozwe n’uwo mwanditse ari amakosa akomeye cane.
Mu bagize ico bashikiriza hakaba hari umwe mu bagiye muri Launch ya Album inkuru y’ukuri muri 2009, akaba yavuze ko ico gihe yari muri Kamenuza. Ngo uwanditse ico gitabo nawe yaramututse.
Abandi n’abo bakaba bamusavye kurondera uwize amategeko, noneho bakagenda bajanye ku mwanditsi kugira baganire uburyo ivyo bitabo vyokurwa kw’isoko.

Aha mukamenya ko ivyo vyandiko vyanditswe mu ntumbero yo guha imyimenyerezo abanyeshure, kuko bategerezwa guhadukiriza irivuga riri mu tuzitizo, ico bita Mu gifaransa conjuque le Verbe ().
Gushika ubu hakaba hataramenyekana nimba azohava yitura ubutungane ngo barabe ko hobamwo impinduka iboneka, canke nimba azorondera abo mu bushikiranganji noneho abasabe kubihindura gusa.
Ibi bikaba vyatumye twibaza, igihe uwo Mugabo yoshima kwitura ubungane, uwo yokwitwarira uwariwe. Nimba yoshira imbere y’ubutungane Ubushikiranganji bw’indero, canke uwanditse ico gitabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722