Entertainmenthomepage

Drama T ngo arageramiwe n’abantu atazi

Ibintu birakaze, ngo hari abantu batanguye gusaba ibintu bakoresheje imbuga za Instagram zitirirwa Drama T Kandi atazi n’ivyazo.

Uwo muririmvyi wa Madam canke ITamporize aheruka kumenyesha ko ibintu bitoroshe, kuko hari abantu basigaye bakoreshe izina ryiwe mu gushaka kwiba abakunzi biwe.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muhungu wa Tausi, yagabishije abantu bakurikirana urubuga rwa YouTube rwitwa Drama T Daily ko urwo rubuga atari rwiwe.
Uwo muririmvyi w’umu nya Muyinga akaba ataretse Kandi muri ako kamo yateye kumenera agafu abo batekamutwe, aho yavuze ko abo bagabo batanguye kurengera umurongo utukura.
Drama T yavuze ko abo Bantu atazi nawe nyene ngo batanguye gutanga ama gahunda n’abantu, ariko Kandi bamwe ngo abasaba ibintu, naho atatomoye neza ivyo bintu ivyarivyo.
Yanditse Kuri Storie ya Instagram Kuri uwu wa 2, agira Ati :” Urubuga rwitwa Drama T Daily si urwiwanje, umuntu abandikira abaha Numero yanje, abaganiriza nka Drama T, bamwe abaha ama Rendez Vous, abandi akabasaba ibintu, si jewe.”
Yongera ko ngo :” Sinigeze nkoresha iyo Compte, Sinigeze ndanayitunga.” arangiza agira ati:” Mfise imwe imwe yonyene, ariyo y’iyo.” Bisigura ko yavuga iyo asanzwe akoreshe.
Ibi bikaba atari irya mbere bibaye, kuko hari izindi z’abandi baririmvyi nyene, biboneka ko ari izigerageza gushirako amakuru y’uwo muririmvyi.
Zimwe muri izo, bikaba bimaze kuboneka ko Ari iz’abaririmvyi, ariko izindi zo zikaba atari izabo, kuko bimaze kuboneka ko abazikoresha bagerageza kwiba abafana b’abo baririmvyi.

Abamaze kubiyama bakaba barimwo Kidum yavuze ko hari abamwitiriye bamaze no gufata ama avance y’ama concert, Kandi we atazi vy’ukuri uko vyagenze ngo bapatanze izo concert we atabizi.
Uwo muririmvyi wacu akaba ari mu baririmvyi bo mu runganywe rushasha, bakunzwe n’inkumi zitari nke binashoboka ko ivyo bintu yavuze ko vyasabwe n’uwamwiyitiriye, bishoboka ko vyasabwe izo nkumi, noneho sica zigushira ku munwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722