Entertainmenthomepage

Sat-B agiye gushumbushwa Ben Pol mu kibanza ca Harmonize

Umuririmvyi Sat-B ngo bwa bundi Harmonize amufitiye ideni ritari rito, ayo n’iyo makuru uwo mugabo aheruka gutanga mu kiganiro yakoze mu ntango z’uku kwezi muri Tanzania.

Uwo Mugabo w’abana 3, aheruka kumenyesha ko ivyo yaganiriye na Harmonize vyose, kangahe amaze kuja muri Tanzania, ngo ntikwari ugutebura, canke gusangira urukanywa gusa, ahubwo ngo harimwo n’ibijanye n’akazi.
Muri ico kiganiro yagiranye na CEO wa Simulizi na Sauti, kimwe mu bimenyeshamakuru bikomeye muri Tanzaniya Gikorera ku rubuga rwa YouTube, yavuze ko amaze kuja muri Tanzania akatari gake, hamwe akaba yari yajanye n’ugukora ibikorwa bitandukanye n’uguhura na Harmonize, birimwo gukorana na Meddy, canke Media Tours ziwe.

Ariko ahandi akaba yagiye ajanywe n’ibirimwo kubonana n’uwo Mugabo aheruka guta akatowe na Mista Champagne.
Mu ngendo Sat-b ngo yakoze muri ico gihugu harimwo kubonana na Harmonize, ngo hari nk’urugendo yakoze agiye mu giteramo East African Carnivore, yari yatumiwemwo, ariko Kandi ngo hari n’urundi rugendo yakoze aho yanafashe akanya ko gushika muri Studio za Konde Gang, Ari nayo Studio ya Harmonize.
Uwo mukunzi wa Belle Nice yabwiye uwo mumenyeshamakuru ko hari Collabo yari yemerewe na Harmonize ariko gushika n’ubu ngo aracarindiriye amaso yaheze mu nzira.

Naho wumva asa n’uwuvuga ko ata kirakorwa Kandi yari yarayimwemereye, uwo muririmvyi yavuze asa n’uwushigikira uwo muririmvyi wa Single Again, ko abitahura kuko hashobora gukoreka ibintu bitandukanye bituma batabasha gukora ivyo bemeranye.
Uwo muririmvyi akaba yavuze ko bashobora kuba batarahuza umwanya, canke ngo akaba akanya ka Harmonize atari kenshi cane ku buryo bokorana igikorwa.
Naho bir’uko, uwo muririmvyi yabwiwe ko ashobora gushumbushwa gukorana n’umwe mu bandi baririmvyi bakunzwe cane muri ico gihugu gikundwa na benshi mu baja kwurira umuyaga.

Uwo mugabo nyene ico kimenyeshamakuru, KO ari nawe mumenyeshamakuru akomeye muri ico kinyamakuru nyene, akaba yavuze ko Sat-B aririmba Indirimbo zidatakaza igihe, ngo akeneye gukorana n’umwe mu baririmvyi b’aba Tanzania n’abo baririmvyi Indirimbo zihoraho.
Uwo mumenyeshamakuru akaba yavuze ko azoganira n’umuririmvyi w’umugenzi wiwe ariwe Ben Pol, noneho amubwire bakorane igikorwa, Kandi ngo coba ciza cane.
Naho habayeho ukumwemerera ntihavuzwe ryari ico gikorwa kizokorwa, ariko yamwijeje neza neza ko ico gikorwa kizokoreka ata nkomanzi.
Sat-B nawe akaba yavuze ko uwo muririmvyi amuzi, Kandi amaze kwumva ibikorwa vyiwe ko bimeze neza cane.
Aha mukamenya ko mu bikorwa vyari vyatwaye uwo muririmvyi wa Kinyamugigima muri ico gihugu kibazwa Samia Suluhu Hassan, ko harimwo gukora amasanamu y’Indirimbo, naho hatazwi ryari isohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,763