Kubwa Espérance ngo ntahantu Imana itokura umuntu yarabibonye, mu buzima bwiwe akivyara umwana wambere yaba muri chambrette n’umugabo wiwe ubuzima bwogufungura ari uguhangayika ashikanwa kubitaro atanur’ufaranga na rumwe afise kandi agiye kwibaruka ubwo buzima yarabubayemwo gushika aribaruka abana 3 umushingantahe wiwe arwaye atacepfo n’icaruguru afise ariko unomusi aririmba indirimbo z’amashimwe.
Uti vyahavuye bigenda gute? Munyuma yaho inzira zaciye zuguruka yisanga muri America ubuzima buba burafashe iyindi korosi, yaranahavuye aronka n’uwundi mwana agira 4.
Ubu tuvugana Espérance afise n’umwuzukuru w’imyaka 7 k’umukobwa wiwe wambere, inzu nziza umuduga mwiza, vyose yarabihezagijwe.
Kubw’ivyo vyose ngo niyo mpamvu amashimwe, guhimbaza no gutazira Imana, bitava mukanwa kiwe akaba yarafashe n’ingingo yogushikana ubutumwa Kure abicishije mu gahogo kiwe yongera anahamagarira umuntu wese kudacika intege mu buzima Iyo Imana ivuze iba ivuze
Abicishije mu ndirimbo yiwe yise “Akisema”, kubitira ngaho kuri youtube namwe muyikurikirane, n’indirimbo yiwe igira kabiri ngo vuba arasohora n’izindi ndirimbo kuko biri muvyo yahamagariwe
Mbega iyintahe nawe ikwigishijiki?

















