EntertainmentGospelhomepage

Dudu ngo Hit yiwe irabwa uburyo butandukanye n’ubw’abandi

Mu gihe ariwe afise Indirimbo ya Gospel ishobora kuba yararabwe cane Kuri YouTube gusumba izindi, Dudu ngo ivyo ntaco biba bivuze kuriwe, kuko hariho ikiza imbere y’ama Views.

Niyukuri Theophile Benshi muzi nka Dudu ngo uburyo abona ko Indirimbo ziwe zabayar Hit, ngo s’ibwo abandi babona.
Uwo mwanditsi akaba Kandi n’umuririmvyi wa Ayayaya, canke Niyukuri, akaba atabona kumwe n’abaririmvyi batari bake bo mu murongo yafashe, uburyo bwo kuraba Indirimbo ziri Hit.
Mu kiyago Hangout na Kaboss For real, uwo muririmvyi akaba yavuze ko we Indirimbo yandika zitari zose asohora, kuko ngo asohora izagumanye akanovera.
Ikindi uwo muririmvyi akaba yavuze ko umuziki kubwiwe atari akazi, kuko akazi akora ari ako kuba Umuhinga mu bijanye n’amajwi, Ingenieur de Son. Nayo umuziki ngo n’ubutumwa yahawe canke Minister yahawe.
Dudu muri ico kiganiro, akaba yavuze ko mu gihe abandi bumvise Indirimbo zabo zikunzwe muri Quartier, canke zimaze kurabwa cane Kuri YouTube n’izindi mbuga, aca avuga ko zabaye Hit, ariko we ku bwiwe ngo suko bimeze.
Dudu urupimo akoresha ngo amenye Indirimbo yiwe yabaye Hit ngo n’ubwinshi bw’amasengero canke imigwi yo guhimbaza no gutazira iba iriko irakoreaha Indirimbo yiwe, hageze ko bahimbaza Imana.

Dudu avuga ko iyo indirimbo amaze kwumva mu nsengero batanguye kuyikoresha, ngo mubisanzwe iba yabaye Hit.
Muri ico kiyago nyene akaba ariho utahura ic’iyi nkuru ivuga, kuko nawe mu ntahe yashinze yavuze ko icatumye ashima kubikora ngo kwari kugira abashe kwandika canke gukora Indirimbo zimeze neza.
Igituma yafashwe uwo murongo, ngo nuko agikizwa, yumva Indirimbo baririmba zitari zimeze neza, arikwo kwiyemeza gutangura kuzikora uburyo buryoheye ugutwi, ariko Kandi ngo kuba umu Ingenieur de Son, ngo yarafise umugambi wo gufasha abandi n’abo bafise uwo muhamagaro, haheze haboneke Indirimbo nziza.
Nayo ku kibazo c’uburyo yumva Indirimbo z’ubu zandikwa, uwo mugabo w’abana 3 n’umugore umwe, yavuze ko atawe yotera ibuye, kuko ngo buri muntu aba afise intumbero yiwe.
Kubwa Dudu ngo izo ndirimbo zose za Gospel zifise abo zagenewe, Kandi ngo bataronse nkizo, biheza bigaca bigorana uburyo bashikirwa.
Ibi bikaba bisiguye ko umurongo Dudu yafashe wo gukorera Indirimbo abari mu nsengero, bitandukanye n’uw’abandi, bashimye gukoresha imvugo abubu bumva, atari zimwe zikomeye zo muri Bibiliya.
Aha mukamenya ko Dudu ariwe muririmvyi wa Gospel muri uno mwaka amaze kuronka Indirimbo zirabwa cane ku rubuga rwa YouTube, kuko Ayayaya yo mu misi ya Vuba cane irashobora gukwiza Views, 1,000,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723