Entertainmenthomepage

Naho Mow Kanzie atamwerekwa Drama T muvy’urukundo, abandi bo bomwiba

Naho y’aba Drama T y’aba Mow Kanzie bose ata werekwa ibijanye n’inkundo hagati yabo, hari abigeme barikanuye, bo iyo ari ibishoboka, Drama T bari kumucisha ku wepfo, bakamwitwarira.

Ibintu birakaze, Drama T baramubajije ibibazo, none bimwe bimwe vyamaze guteza ikibazo Ku mbugahwaniro zitandukanye mu Barundi.
Uwo musore wa Tausi, Kuri uwu wa mbere n’uwa Kabiri, akaba yarabashije kwishura ibibazo bitari bike yabajijwe n’abafana batandukanye Kuri Instagram.
Nkuko nari mpejeje kubivuga, kimwe muri ivyo bibazo, kikaba cateje uruhagarara Kuri Twitter, kuko baciye batangura kwibanza nimba arivyo canke arivyo.

Muri Post zabonetse, Drama T ngo yabajijwe kangahe amaze kurangura rya banga ry’abakuze, nawe yishura amajambo atavuzweko rumwe na bose.
Drama T Kuri ico kibazo, yishuye ko amaze kuryamana n’umwe Kandi bamubajije incuro, icahavuye kiba ikibazo muri Commentaire za Twitter y’uwitwa Umuhirwa Kuri Twitter.
Bamwe bakaba baciye batanga umuco, bavuga ko yavuze umwe, ariko ngo atavuze rimwe gusa. Abandi n’abo batangura kwibaza nimba vy’ukuri avuze ukuri canke abeshe.
Ikibazo c’ico twokwita ama Position y’uburyo batangura iryo banga, naco cahavuye gishikwako muri ico kiyago, aho hari uwamubajije izo akunda, nawe akishura anatwenga ko ata nimwe akunda.
Uwo musore muri ivyo bibazo, yanugururiye umuryango zimwe muri za nkumi zimukunda cane, kuko yavuze ko gushika ubu atari mu rukundo.
Uwo musore Kandi yanahumurije abibaza ko yoba ari mu rukundo na Mow Kanzie ko atarivyo na Gato. Niho haboneka abamubwiza ko Mow Kanzie batari bubihurizeko, kuko amwihakanye.

Drama T rikaba atari irya avuze ko atari mu rukundo n’uwo mwanditsi w’indirimbo nka Nshaka. Kuko akatari gake asigura ko bari mu kazi gusa.
Uwagirijwe akaba atari Drama T gusa, kuko na Mow Kanzie nawe ku ma FOTO yafotowe ari Zanzibar, abatari bake bakaba bavuze ko Indirimbo Itamporize itari kureka kuryoha, kuko ngo yarafise aho abikura.
Ivyo bakaba babivuze kubera Bikini yifotorejemwo, Kandi akaba muri ITamporize yasa n’uwari yambaye nkuko nyene.
Hampande y’abamubaza kangahe amaze kurangura rya banga, Drama T yasabwe n’abatari bake ko yoraba agakundana na Mow Kanzie ngo kuko baraberanye cane.
Aha ku batavyibuka, Mow Kanzie akaba akatari gake amaze gushikiriza ko abahungu bo muri Entertainment ngo badashobotse, ngo yararindiriye ko hari n’uwohaguruka ngo aritobore, ariko ngo amaso yaheze mu nzira.
Drama T naho ivyiwe na Mow Kanzie badashaka gushira aho abafana bashize, abakobwa bamukurikirana bo baguma basaba urukundo urutavanako.
Muri ivyo bibazo yatanze umwanya wo kubaza, hakaba habonetsemwo abakobwa batari bake, bavuga bafobetse, ariko ukumva ko ijambo nyamukuru kwari ukwisabira urukundo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722