Bamwe barimwo Cedric Bangy, riraniga ngo abarundi ntibizera abaririmvyi ngo n’abo bashirwe mu mabanga akomakomeye y’igihugu, nkuko biriko biraboneka mu bindi bihugu.
Kidum nawe ngo niyizerwe n’abatwara Uburundi, ico Nico cipfuzo ca Cedric Bangy atwara ihuriro ry’abaririmvyi mu Burundi, ariko Kandi akaba n’inararibonye mu Muziki.
Muvyo yanditse Kuri Facebook yiwe, uwo Mugabo atavuga rumwe n’abaririmvyi batari bake, kuko iyo avuga atazi kworosha, yasavye ko abatware bokwiga gukunda ababo.
Kubwa Cedric Bangy ngo Nimbona Jean Pierre benshi muzi nka Kidum, ngo yarakwiye guhabwa Ubushikiranganji bw’imicokama.
Ico cipfuzo c’uwo mugabo wo mu runganywe rumwe nawe, kikaba cabonetse inyuma yaho Jay Jay Okocha, yakiniye umugwi nserukiragihugu wa Nigeria agizwe umushikiranganji w’inkino muri ico gihugu giheruka guhabwa umukuru w’igihugu mushasha.
Umushikiranganji ava mu baririmvyi canke mu bakiri bato atwara Ubushikiranganji bw’Urwaruka, akaba anaheruka gusabwa n’uwundi muririmvyi, mu kiganiro n’inkerebutsi. We akaba yasaba ko bohabwa uwo bangana bahurira muri vyinshi, kugira bikunde azoze aramenya iryo bagona.
Iki kibazo c’uguhabwa Ubushikiranganji bumwe, umukuru w’igihugu akaba aheruka kubivugako muri ico kiganiro nyene aheruka kugirana n’inkerebutsi, aho yavuga ko bidakunda ko habaho Ubushikiranganji bwinshi.
Ubu rero hakaba hatazwi vy’ukuri ico bazoshikiriza Kuri ico cipfuzo c’uwo muririmvyi, adahengeshanya kugira ico asaba aba na bariya.
Ku batabizi nuko muri Africa y’ubuseruko abaririmvyi batari bake bamaze guhabwa ibibanza mu nzego z’ibihugu bavamwo, uretse hano iwacu gusa.
Muri Kenya, Jaguar akaba hampande yo kuba yarabaye umushingamateka, aheruka guhabwa kuba umunyamabanga ntayegayezwa muri bumwe mu bushikiranganji muri ico gihugu.
Tom Close mu Rwanda akaba ariwe atwara umugwi ujejwe gutororokanya amaraso, akaba aheruka kwemezwa n’inama nshikiranganji.
Bobi Wine akaba ari mu bashaka kugwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Uganda, nayo Jose Chameleon akaba nawe aheruka gutsindwa, aho yitoza mu kibanza c’umukuru w’igisagara ca Kampala.
Muri Tanzania naho abatari bake bakaba bamaze gutwara intara, abandi bakagira abanyamahanga mu bushikiranganji butandukanye, Kandi bakaba batahagaritse kuririmba naho bashizwe muri ayo mabanga.


















