Umukinyi Aruna Moussa Majaliwa yahora akinira umugwi BUMAMURU F. C. agiye gukinira Umugwi wa Rayon sport official wo mu gihugu c’Urwanda .
Uwo mukinyi w’Intamba mu rugamba akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa RayonSports_Official mu kiringo c’imyaka 2 .
Ukuvyitwaramwo neza cane mu rukino reheruka rwahuje INTAMBA MU RUGAMBA na Namibia biri mu vyatumye uwo mukinyi yipfuzwa cane na Rayon Sports .
Mwomenyako Aruna Mouss Majaliwa ari mu bakinyi 11 baranze ihiganwa rya Primus League 2022-2023 .