homepageMusique

Natacha ivyamutwaye muri Kenya harimwo n”ubuhuza

Nk’uko twabibabwiye u uherutse, umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka akiva mu butariyano yaciye yerekeza mugihugu ca Kenya hamwe na Manager wiwe. N”ubwo batari bashimye kuvuga igihugu bagiyemwo, vyamaze kumenyekana ko bari muri Kenya .

Uretse ko hari collabo bari bagiye gukorayo, bararonse n”akaryo ko kubonana na CEO wa Trace Muziki ari we DANNY, MUCIRA hamwe na Programme Manager wa Trace Muzik, ari we Mathew Makhungu aho baganiriye vyinshi na cane cane bagashima umuririmvyikazi Natacha ingene ari umu Ambassadeur mwiza w’umuziki w’Uburundi, aho aguma awuvugira hose ahagiye.

Bakaba bemeye ko vuba caane bagiye kuraba ko muri Trace Muzik boshiraho TOP Ten ihuza imiziki yo mu Burundi hamwe no mu Rwanda izohora icaho gatatu ku ndwi. Bakavuga ko ndetse ko bafise n’umugambi wo kuza mu Burundi bahure n’abagwizatunga hamwe n’abaririmvyi bakaraba icokorwa kugira bateze imbere igisata c’umuziki w’Uburundi muri East Afrika. Mwomenya ko Collabo Natacha yari yavuze ko agiye gukorana n’ umuririmvyi wo muri aka karere twamazekumenya kwari Kaligraphe Jones, umu rapeur ava mu gihugu ca Kenya.

Na yo igihe iyo ndirimbo izosohokera ngo ni mumpera z’ ukwezi kwa cumi(Gitugutu) canke mu ntango z’ukwa cumi na rimwe(Munyonyo).
Ayo makuru tukaba tuyakesha uwusanzwe aserukira ibikorwa vya Natacha manager Dj Rapha

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673