homepagesociete

Bujumbura: Abakoresha agasoko ka Gasozo barasaba ko kotunganywa kijambere

Iyo imvura iguye, agasoko ka Gasozo muri komine Mubimbi intara ya Bujumbura karatwarwa n’amazi, bigatuma ibidandazwa bitwarwa, ibindi bikononekara. Abadandaza barahahombera, eka mbere na komine kuko amatagisi uyo munsi ataba agitojwe neza. Musitanteri wa Mubimbi avuga ko hamwe ubyo bwoboneka, iryo soko ryotunganywa neza.

Niyo Soko komine ivuga ko igira 2 mukwinjiza amakori havuye iya Kinama, ariko gushika ubu utuzu tw’idandarizo tumwe turacasakaje ibihunda, utundi tugasakazwa amabati yatobaguritse, mugihe ibidandazwa bimwe bicandwa hasi.

Ubu imvura igwa rero bavuga ko batorohewe kuko bagira gutya bakabona imvovo ibitwariye rimwe, ibindi bikuzurwa n’ibishanga.

Ivyo rero biratera n’ingorane kw’itozwa ry’amakori kuko iyo iguye baca babitaho bakaja kugama, bamwe baca bagiramwo badatanze ikori mugihe n’abaritoza baba bagiye kugama ahari amazu, abandi badandaza bamenyesha ko bagaruka basanga ibidandazwa vyibwe.

Komine Mubimbi iremeza ko iyo soko itajanye n’igihe ca none ariko musitanteri Dismas Harimeshi amenyesha ko iri mu zindi zikeneye gutunganywa ukundi muriyo komine ariko hataraboneka ubyo.

Ahamagarira abahakorera kuba barirwanako mukubaka utuzu tw’idandarizo, mukurindira ubufasha bwa Reta canke abandi bayifasha kugira iyo soko yubakwe.

Bivugwa ko ako gasoko gashobora kwinjiza mu kigega ca komine amafranga ibihumbi amajana umunani (800.000 f) y’amarundi mumisi 3 irema kundwi kundwi.

Inkuru Yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672