homepage

Aridogera abacamanza b’ishirahamwe asanzwe arongoye

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB arafise amakenga kuvyerekeye ingene imanza zicibwa muri iryo shirahamwe.Muyenge Alexandre avuga ko hari bimwe mu bibazo agiye kuja arifatira mu minwe.

Muyenge Alexandre arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB atangura agira ati’’ nta n’umwe atabona y’uko mu bucamanza harimwo agahaze, aho rero nkaca mvuga nti , ni kubera y’uko vyitwa y’uko ari ibisata vyigenga hanyuma ababikoramwo baca babona y’uko bigenga canke? Kuko rimwe na rimwe birakunda kuntangaza iyo aha hantu kuri uru rugero nkuru baciye urubanza rukamera , mugabo haba kwunguruza hagasohoka iyindi ngingo itandukanye niya mbere , duca twibanza none ko bose bize amategeko amwe bigenda gute ngo basigure amategeko ugutandukanye’’

Uyo arongoye FFB yamara ntahakana ko haraho bishika hakaba ukwihenda . Muyenge arongera akagira ati’’ mugabo vyose birashika ni nk’uko twese turi ngaho mu kibuga dushobora kuvuga ngo rirya ni ikosa abandi ati si ikosa, ugasanga abantu n’amashati barafatanye, gusa ikiba gikenewe n’ukuraba y’uko mubisanzwe uru rubanza n’imiburiburi harimwo ukuri? Ico nico kiba gikomeye gusumba , mu bucamanza rero harimwo abo novuga y’uko rimwe na rimwe bakora neza n’abandi bakora nabi ‘’.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB avuga ko gushika ubu umwanya amaze mumabanga yokurongora FFB hari vyinshi yagiye ariga ko ubu hari bimwe mubibazo agiye kuja arakwirokiranira hagufi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686