homepage

Igihugu c’Uburundi kigiye gukina urukino rwa kivandimwe na Algeriya

Urukino rwakivandimwe ruzohuza Uburundi n’igihugu ca Algeriya rwatangajwe n’uwusanzwe arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ku wa kabiri igenerekerezo rya 19 Kigarama umwaka w’ 2023. Urukino rushobora kuba bamwe mu bakinyi b’abarundi batarimwo.

Inyuma yaho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Alexandre Muyenge atangarije urwo rukino rwakivandimwe ruzohuza Uburundi n’igihugu c’Algeriya ,amakuru radiyo Indundi Culture  yaronse n’uko muri urwo rukino bishobora kugorana ko abakinyi bamwe bamwe bakina ku mugabane wa Buraya baboneka harimwo Ndayishimiye Youssouf bivanye n’uko urwo rukino ruzoba ku munsi usanzwe atari uwuberako inkino za FIFA. Ayo makuru kandi avuga ko batazoba bafise uruhusha rw’imirwi yabo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri uyu wa kabiri igenekerezo ry 19 kigarama 2023, Muyenge Alexandre yemeje ko abakinyi bagera ku bice 60% b’Intamba mu rugamba bazoboneka muri urwo rukino ari abakinyi bashoboye kandi bakomeye.

Urwo rukino rw’ubucuti rw’Intamba mu rugamba n’igihugu ca Algeriya rukaba rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 09 Nzero 2023 mu gihugu ca Togo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671