homepage

Uburundi bwatsinzwe na Kenya

Mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino z’igikombe c’isi zo mu mwaka wa 2024 ku ruhande rw’abigeme batarenza imyaka 17,Uburundi bukaba bwatakaje urukino rwa mbere Imbere ya Kenya.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 09 Ruheshi 2024 umugwi nserukiragihugu w’umurundi intamba_mu_Rugamba ku ruhande rw’abigeme batarenza imyaka 17 watsinzwe n’igihugu ca Kenya ibitsindo bitatu Ku Busa(3-0) mu rukino rwambere mu nkino zo kurondera itike yo gukina inkino z’igikombe c’isi zo mu mwaka wa 2024,inkino zizobera mu gihugu ca Republique_Dominicaine kuva kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu gushika kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo uno mwaka.

Urwo rukino Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abigeme batarenza Imyaka 17 wari wakiriye rwabereye mu gihugu ca Ethiopie,kumvo zukwo Uburundi atakibuga co kwakira inkino mpuzamakungu,urwo rukino rukaba rwabaye igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi mu gihugu ca Kenya.

Abo bigeme batararenza imyaka 17 b’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi baheruka gusezerera Umugwi nserukira wa Djibouti ibitsindo 24 mu nkino zibiri.

Inkuru yanditswe na Vincent Nkunzimana 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686