Umwaka urarangiye uruzitiro rw’ivuriro rito rya Musaga mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura rutarasanurwa kuva rubomowe n’imiduga yagiye irarugonga.Abasanzwe bitura iryo vuriro bafise amakenga ko hashobora kwaduka ubusuma bw’abantu bavuye inyuma .Uburongozi bw’iryo vuriro bushikiriza ko buriko buravugana n’abagonze urwo ruzitiro kugira barusanure.
Uriko mu gice ca Musaga mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura kubwinjiriro bw’iryo vuriro ubona igice kimwe c’uruzitiro rwubatse n’amatafari ariko ikindi gice kimwe ari naco cabomotse ubu kikaba cubatse n’amabati ubona ko asa nayashaje.Ugeze mubigo vy’iryo vuriro kandi ubona abantu baje kwivuza bamwe murabo bazanye abana kubateza inshinge z’incanco hamwe n’abakenyezi baje gusuzumisha imbanyi .
Abanyagihugu bitura iryo vuriro bavuga ko badatahura igituma iryo vuriro rya reta ryomara igihe nkico cose uruzitro rwaryo rutarasanurwa
Abaharwarije ababo, bo bavuga ko bamana amakenga ko ibintu vyabo bishobora kwibwa nabantu bashobora kwinjira muri iryo vuriro bavuye hanze yazo.
Kubera gushika ubu urwo ruzitro rutarasubizwaho, bamwe mubarwarije ababo kuri iryo vuriro, bidogera kandi abahita co kimwe nabateramira mubunywero buri imbere yiryo vuriro biahagarika iruhande Yakazu gacamwo intsinga zishirahamwe ryo gutumatumanako ONATEL bagatinya ko ivyo bishobora guteza amasanganya.
Abanyagihugu baba hafi yiryo vuriro co kimwe n’abihivuriza basaba ko urwo ruzitiro rwokubakwa .
Uwujejwe iryo vuriro muganga charlotte Musoni ashikiriza ko ubuyobozi bw’iryo vuriro bukiriko buravugana n’abagonze urwo ruzitiro kugira bahubakishe.Ariko akaba atakiringo co kubaka urwo ruzitiro kirumvikanwako n’impande zompi.
Inkuru yanditswe na Christa Lyse Harerimana