homepage

Meddy we abandanya kumenyekanisha igikorwa ca be na Sat-b

Mu gihe ikinyamakuru Inyarwanda co mu gihugu kibanyi c’Urwanda kimenyesha ko hari ubwoba bwinshi ku bakunzi b’umuririmvyi nyarwanda Meddy, kuko ngo hari abatanguye kuvuga ko bashobora kuzomugandagura aramutse akojeje ikirenge I Bujumbura, uwo muririmvyi we abadanya kumenyekanisha igikorwa gishasha bazoshira ahabona be na Sat-b.

Meddy muri uno muhingamwo ku rubuga rwiwe rwa Facebook, akaba yasangije abakurikirana urwo rubuga ishusho arikumwe na Sat-b muri Tanzania, aho bariko bakora ako karirimbo kitezwe. Akaba yanditse amajambo avuga ko hari akaririmbo gashasha kazokundwa, Hit, yakoranye na Sat-b kariko karaza.

Intandaro yubwo bwoba ngo ihagaze ku majambo yanditswen’uwitwa Gatoto Eddy Mathias akayasangiza abo ku rubuga rwa Facebook muri Groupyitwa Humura Burundi. Uyo akaba afatanya urugendo rwa Meddy n’icuka kitari cizakiri hagati y’igihugu c’Uburundi n’Urwanda.

Ico kinyamakuru kikavuga ko kitari bwabashe kuronka akaryo ko kuyagisha Meddy ngo agire ico avuga kuri ubwo bwoba bo bavuga ko abakunzi ba Meddy bafise. Ivyo bakaba babivuze mu gihe abanyarwanda bitezwe I Bujumbura ari 2 Meddy co kimwe na Bruce Melodie mu mpera z’uku kwezi.

Aho mukibuka ko izo mbuga ngurukanabumenyi n’ama Group atandukanye abandanya avugirwako vyinshi, abenshi mu babivuga bakaba bataniyerekana kuko usanga izo mbuga zibitanga ar’iz’abantu baba badashaka ko bamenyekana kugira ivyo bashikiriza bitabakurikira, bagahitamwo gukoresha ayandi mazina co kimwe n’amashusho Atari ayabo. Mukamenya ko yaba ku ruhande rw’abariko barategura ibiteramo vya Meddy I Bujumbura co kimwe n’ubuserukizi bwa Meddy ata n’umwe aragira ico ashikiriza kuri ayo majambo ariko arashikirizwa hirya no hino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686