homepage

Ata gihindutse inzira Kidum asigaranye n’iyerekeza i Bujumbura

Nka hamwe ataco hinduka, Kidum abohewe muri kenya kubera Ibura ry’urupapuro ry’inzira yarasanzwe akoresha. Akaba azoca abanza gukubitira I Bujumbura imbere yuko yerekeza I Kigali aho afise igiteramo.

Kidum amarira ni yose kubera ibura ry’urupapuro rw’inzira rwiwe asanzwe akoresha mu gihugu ca Kenya, iyo asanzwe akorera ibikorwa vya misi yose.

Uwo murundi w’igihangange mu muziki akaba n’icamamare muri kano karere, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko ibintu bitifashe neza kuko urwo rupapuro rw’inzira rwabuze. Aho agasaba uworubona ko yoheza akarumuha. Akaba yavyanditse mu rurimi rw’icongereza, ururimi rukoreshwa canemu gihugu ca Kenya.

Mu gihe atoruronka akaba azoca ategerezwa kwerekeza I Bujumbura kugira abashe kurondera urundi rupapuro rw’inzira, Urwo akaba adashobora kururonkera mu buserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu ca Kenya. Kiretse mureke arengane rumuha uruhusho rwo kwereza i Bujumbura gusa.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe hasigaye imisi harurwa ku ntoke ngo Kidum ateramishe abanya Kigali mu giteramo yatumiwemwo kizoba kuri uyu wa 21 kigarama. Aho abanya Bujumbura bakaba bashobora guca bagirako bamubona, akanaronswa urupapuro rw’umutsindo yagenewe na Radio Frequence Menya (RFM), aho yaronkejwe ico bise mu kinyamazuru Mention Special.

Mwokwibuka ko Kidum yigeze mu misi iheze kumenyesha ko azokubitira I Bujumbura mu biteramo, ariko akaba atabashije kuboneka, canke ngo hamenyekane icoba caratumye uwo muririmvyi atabasha kuhashika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686