homepagekirundiprimusic-burundiRadio

Emery Sun aravunira akagohe abaririmvyi bafise izina

Mu gihe ihiganwa Primusic risanzwe ritunganywa n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi ryari rimaze imyaka igera kuri itanu atawumenya iyo ryazimiriye, kuri uyu wa 16 Rusama 2019, iryo shirahamwe ryarasubiye kwugurura icese iryo higanwa.

Aho bimenyekaniye hagiye haravugwa vyinshi bitandukanye aho ubona ko benshi bagiye baratanga ivyiyumviro vyabo harimwo na bamwe mu baririmvyi aho twohera kuri uyu muririmvyi azwi cane kw’izina rya Emery Sun aho yerekanye aho we ahagaze kuri ibi canke biriya bigenda birashikirizwa na bamwe mu banyagihugu canke mu baririmvyi

Uwo muririmvyi yanditse agira ati :

“Music revolution. Ntushobora guhindura ikintu utakirimwo. Akagohe ku baririmvyi bose bafise amazina, abagira imidiho itandukanye, bafise ama hits songs, twiyandikishe twese maze duhiganwe, turabe ko ibintu bidahinduka, tuve muri Primusic Underground, ejo ibe Primusic Super Star, maze amahera atware abazi icarico kuruhishwa n’umuziki atari abasubiramwo izaririmbwe. 25 millions si make”.

Ubwo butumwa bwa Emery Sun bwaje mugihe bamwe bagira bati Primusic yarikwiye kubaho ari ihiganwa rihuza abaririmvyi bamaze kwinjira muri Studio bagakora indirimbo zabo na canecane abashobora kuronka arya mafaranga batsindira akagaruka akayashira mu muziki kuko we ashobora kumenya ico umuziki umaze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757