homepage

Kidum arashimira Social Media kuko yamufashije gutora Passport yiwe

Mu gihe Kidum amarira yari yose kubera urupapuro rw’inzira rwiwe rwa rwatakaye, uwo muririmvyi yamenyesheje ko urwo rupapuro rwahavuye ruboneka. Ivyo akaba yabishikirije ku rubuga rwa Facebook aho yari yamenyesheje ko urwo rupapuro rwatakaye.

Uwo muririmvyi afise urugendo rwerekeza mu gihugu c’Urwanda muri ino ndwi, kubera igiteramo afise kuri uyu wa 5 i Kigali, avuga ko iboneka ry’ico gitabo c’inzira ayikesha Social Media. Ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 16 kigarama, abivuga mu rurimi rw’icongereza.

“Thank God My passport has been Found! The Power of Social Media”

Kidum akaba  yari yamenyesheje ku rubuga rwa Facebook musi wa gatandatu ko urwo rupapuro rw’inzira rwatakaye, akaba yasaba ko abantu bomufasha ku rurondera. Kuri iyo Post yakoze akaba yanagiriyeko abwira abantu amazina yiwe y’ukuri co kimwe n’inomero y’iyo Passport asanzwe akoresha.

“ I need your help please! I can’t find my passport and this coming week I must travel to Rwanda. It is a Burundian Passport OP 0077379. Name on it is Nimbona Jean Pierre for those who don’t know my official names. If you have found it please let me know I come for it.”

Mukamenya ko Kidum atigeze yemera ico abarundi bita ikibonamaso kuwoyitora, nkuko abandi bakunda kubikora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686