BurundiDevelopmenthomepagekirundi

Iti” kokoko”! Ngiyo indwi yahariwe Abarundi baba mu Mahanga hamwe n’abahabaye iriko iradodora.

 

Nkuko rero bitakiri agaseseshwa rumuri, Leta y’Uburundi haraheze igihe kitari gito vyigararagaza ko yahagurukiye umwitwarariko udasanzwe w’Abarundi baba mu mahanga, eka mbere hakaba n’akabirya k’ukwongeramwo abo bose babaye mu mahanga.

Uwo mwitwarariko rero uragaragarira mu bikorwa binyuranye Leta imaze imisi ikora ibicishije mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, aho hasanzwe harashizweho ubuyobozi bukuru bujejwe abarundi baba mu Mahanga.

Ibitari bike rero biriko birakorwa aho , hirya no hino bigaragara ko Abarundi bari mu mahanga, bariko barisuganya barondera kwiyunga , maze n’ico gikorwa nyene bikaboneka ko Leta ibikwirikiranira hafi na narirya nko ku ma groupes whatsapp kenshi izo diaspora ziganiriramwo haba harimwo ,umuyobozi mu kuru w’ico gisata kijejwe Diaspora( Directeur Général) hamwe rero n’abaserukira Uburundi mu micungararo inyuranye mu bihugu Abarundi barimwo. ( Ambassadeurs)

Ibi kandi ni urukwirikirane rw’ibindi bikorwa Leta yakoze muri uwo mwitwarariko nyene , nk’ugushiraho umugambi utomora neza ibijanye na Diaspora( Politique Nationale de la Diaspora) hamwe n’ibindi rero bitari bike, nk’uko na kare nyene yaba Leta, canke inzego ndogozi z’ishirahamwe ry’Abarundi baba hanze bigaragara ko atawusinziriye umukondora zosi.

Ni muri iyo ntumbero rero , vuba bwango, mu kwezi kumwe n’imisi icumi n’icenda gusa, kuva kw’ignekerezo rya 22 gushika 26 Makakaro( Juillet) uwu mwaka 2019, Leta yategekanije indwi yahariwe Abarundi baba mu Mahanga , eka mbere hamwe n’abo bose bahabaye.

Icivugo c’iyo ndwi rero kizoba ari iki: “Umurundi aba mu Mahanga, ni kirumara mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’Igihugu w’Iterambere”

Intumbero rero katwa y’iyo ndwi kukazoba ari uguhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’uruhara rw’Umurundi aba mu mahanga canke uwo wese yahabaye mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’Igihugu w’Iterambere”.

Abatari bake barabona inyungu ikomeye igihugu kigiye kugira kubera ukwo gukangurira Abarundi baba hanze mw’ikwirikirana ry’umugambi  w’Igihugu w’Iterambere, eka mbere kandi no ku ruhande rw’Abarundi baba hanze hakaba hitezwe ko hatazobura akarusho  mw’iyoroherezwa muri bino na biriya , aha umuntu akaba yogomba agafata gusa  nk’ironswa ry’urupapuro rw’inzira Passeport umuntu atarinze kuriha ibihumbi n’ibihunguruka arinda gushika mu Burundi kurondera urwo rupapuro, aho uheza ugasanga ruciye rugira igiciro c’umurengera mu kiringo nyene kurukenera kumbure atari asanzwe afise uwo mugambi w’ugusimbira i Burundi mubona ko bisaba ukwisuganya gukwiye umuntu ngo yoye kugenda imbokoboko. Iryo Lero Leta irivumereye yoheza ikaronsa ubuhinga ubuserukizi bwabwo iyo buherereye hose maze gutyo bikaba vyobera amarame abatari bake.

Ivyiza biterwa iyo abantu bagiye hamwe biba vyinshi. UBUGIRIGIRI BUGIRA BABIRI!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768