EducationhomepagekirundiLaurette TETEROsociete

Abantu 193 bahora basegerereza mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura basubijwe mu miryango

Abantu bagera kw’193 bagizwe n’abana 139 hamwe n’abakuze 54 nibo basubijwe mu miryango yabo n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu,imibano hamwe n’iterambere ridakumira inyuma yo gukurwa mu mabarabara mu gisagara ca Bujumbura aho bahora basegerereza.

Bamwe murabo basubijwe mu miryango yabo hariho abana bashika 69 hamwe n’abakuze 30 bo mu gisagara ca Bujumbura, abana 18 n’abakuze 3 bava mu ntara ya Ngozi, abana 18 hamwe n’abakuze 3 bava mu ntara ya Kayanza, abana 2 n’abakuze 6 bava mu ntara ya Gitega, abana 11 hamwe n’abakuze 6 bava mu ntara ya Bujumbura.

Abandi basubijwe mu miryango yabo n’abana 4 hamwe n’abakuze 2 bava mu ntara ya Cibitoke, abana 4 n’uwukuze umwe bo mu ntara ya Karusi, abana 4 bo mu ntara ya Muramvya, abana 3 n’uwukuze umwe bo mu ntara ya Bubanza, abana 4 n’uwukuze umwe bo mu ntara ya Kirundo, abana 5 bo mu ntara ya Muyinga hamwe n’uwukuze umwe ava mu ntara ya Bururi.

Abana bangana 327 hamwe n’abantu bakuze bashika 1157 nibo baheruka gukurwa mu mabarabara gushika kw’igenekerezo rya 30 Rusama umwaka wa 2019.

Mwomenya ko uwufashwe ariko asegerereza mu mabarabara ahanisha igifungo kiri hagati y’imisi 14 n’amezi 2 akongera agatangishwa n’ihadabu iri hagati y’ibihumbi bitanu na cumi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756