homepagekirundi

Arahakana ivyo bavuga ko mu bubiko bwiwe hagaragara

Magic Soldier KINGORONGORO Yakuriye inkoni ku gishitsi abanguha bakavuga ko yaherewe atakigira agafaranga ko gusohora indirimbo

Inyuma yo kuvavanura na label  yiwe ya Trust No Body ni KINGORONGORO bivugwa ko yasubiye inyuma mu bikorwa vyiwe, aho ni nka video zihimbaye ijisho nkizo yaramaze igihe akorera mu gihugu ca TANZANIA

Aho aheruka mu gihugu ca TANZANIA akahakorera Collabo n’Umuririmvyi wo muri ico gihugu azwi kw’izina rya CountryBoy asanzwe akora umudiho wa Trap ni KINGORONGORO atasivye kuboneka mu biteramo bitandukanye vyagiye birabera hano mu gisagara ca BUJUMBURA aho twovuga nk’ibiteramo vyategurwa n’amashure, ariko murico gihe hatigeze hasubira kwumvikana indirimbo yiwe nshasha aho bamwe bavuga ko ataburyo buhari ngo kuko “Wanda Boy Ze Hero” wa TNB ariwe yarasanzwe amurihira vyose.

Nkuko abarundi bayamaze ngo: “Inkuru mbarirano irutwa niyo wiboneye”, inyuma yo kwumva iyo nkuru INDUNDI ntiyigeze irekera  aho iyo nkuru ahubwo twahise twegera uwo muririmvyi nyene ubwiwe aho yagize ati :

“Abantu baravuga kandi ntibazohagarika kuvuga ariko kuvuga ko naherewe ntanagishobora kuja muri STUDIO ivyo ni ibinyoma kandi ntibiriko biranshikira vuba. Hama kubikorwa naho ni vyinshi kandi biruzuye kuko indirimbo yanje HARI KERA iriko iragurishwa kuri EAVIBE aho hose ni akanoti kinjira abo bariko bavuga ko naherewe nibahumure ahubwo baze dushigikirane kuko n’indirimbo yanje nshasha KASHESHE nakoranye na Dauphin THAN Colour iri kuri channel yanje ya YouTube nibaze dushigikirane hama barindire amasanamu yazo kubwinshi duhereye kuri HARI KERA n’izindi zizogenda zikurikira”.

Ni KINGORONGORO yishuye kuvyariko bimuvurwako mugihe yaheruka kuvuga ko ububiko bwiwe bwuzuye ibikorwa ariko ko yari yaratevye kumpamvu zo gushaka guha abakunzi biwe ibimeze neza kandi binaherekejwe n’amasanamu (VIDEO)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755