homepage

Kubwa Big Fizzo ngo habuze Urukundo

Big Fizzo ashimira abahinyanyuzi bitanga batiziganya kugira haboneka amasanamu y’akarorero, ariko akanegura ko ata rukundo abaririmvyi ndundi bafise. Akaba anasabira abahinyanyuzi gufatwa mu mugongo na Leta y’Uburundi.

Big Fizzo kuriwe ngo abaririmvyi nibo babuze urukundo kugira umuziki ndundi ubashe gutera uja imbere, Ivyo Big Fizzo akaba yabishikirije mu kiyago yagiranye na bagenzibacu bakorera Buja Fm aho yaraganutse avuye mu butariyano.

Uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu gihe yariko yishura ku kibazo yarahejeje kubazwa n’umukunzi wibikorwa vyiwe amubaza icoba kibuze kugira umuziki ndundi ubandanye utera imbere. Ivyo akaba abishikirije mu gihe abatari bake bagiriza Sat-b ko yoba ariwe ari inyuma y’ishirwa ahabona ry’indirimbo zitari nke Big Fizzo avuga ko yibwe.

Big Fizzo akaba hampande y’urukundo abona mu baririmvyi ndundi ko rubuze, ashimira abahinyanyuzi bamasanamu batari bake bariko barakora muri kino gihe, kuko bariko bakora bitanga mu gushira ahabona amasanamu meza cane.

Big Fizzo akaba yasabiye abo bahinyanyuzi ko boraba bagafatwa mu mugongo na Leta y”uburundi, kuko kubwiwe ngo aho hanze hari ingabire nyinshi ariko zibuze gukurikiranwa. Aho akavuga ko Leta y’Uburundi yoraba igishoboka ikabarihira kugira baje kwiga ubwo bundi buhinga.

Big Fizzo ivyo akaba abishikirije inyuma y’ukuva mu butariyano aho yarajanywe n’ukwibarutsa umutambukanyi wiwe, ubona ko baheruka kwibaruka umwana w’umukobwa, Mugani Eden, aje kwiyongera kubandi bana asanzwe afise bavutse ku bandi bagore, barimwo abo bahukanye hamwe n’abo batabashije kurushingana.   

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686