culturehomepagekirundi

Umurwi Himbaza wagirizwa kwiyitirira umurisho w’ingoma z’Uburundi waraye usezerewe mw’ihiganwa

Umurwi wagirizwa n’Uburundi ko washatse kwiba no kwiyitirira umurisho w’ingoma z’Uburundi Himbaza Drummers wo mu gihugu c’Urwanda wari witavye ihiganwa ryitiriwe “East African’s Got Talents” ryatunganirijwe mu gihugu ca Kenya wasezerewe muri iryo higanwa inyuma yo kurushwa n’iyindi mirwi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Amakuru dukura mu murwi ujejwe kugenzura no gutanga amanota muri iryo higanwa n’uko uwo mugwi ngo wemeje uwitwa Jannelle ava mu gihugu ca Kenya hamwe na Jehovah Shalom wo mu gihugu ca Uganda abo akaba aribo bazobandanya kugira bahiganirwe ikibanza ca mbere mw’iryo higanwa.

Umurwi Himbaza Drummers wagirijwe n’Uburundi ko wagerageje gukoresha mu nzira zitarizo hamwe no kwiyitirira ingoma z’Uburundi mu kuzambura akaranga n’amateka yazo kuko wavugije izo ngoma uhonyanze amabwirizwa n’amateka yose agenga ingoma z’Uburundi na cane cane ingingo iri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/196 ryo kuwa 20 Gitugutu 2017 aho ritomora neza ingene ingoma z’Uburundi zivuzwa haba mu Burundi canke mu makungu.

Mw’itangazo umushikiranganji ajejwe imico kama hamwe n’inkino yasohoye kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro umwaka wa 2019, Pélate Niyonkuru yavuze ko biyamirije abo bose bariko bagerageza gukoresha mu nzira zitarizo Ingoma z’Uburundi kuko ingoma z’Uburundi ari itunga kama ryitirirwa Uburundi, ari itunga ridatizwa canke ngo rigurishwe kandi ata n’umwe arekuriwe kugerageza kuryiyitirira ndetse ngo yihe ububasha bwo kurikoresha mu nzira zidahuye n’imico n’imigenzo y’abarundi.

Umurwi Himbaza ugizwe n’Abarundi baba mu gihugu c’Urwanda uri mu mirwi 2 muyari yaserukiye igihugu c’Urwanda muriryo higanwa rya East Africa’s Got Talent.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756