homepagekirundisecurity

Musaga : Ibisasu ntezwantoke 3 vyatowe n’abafundi bariko bubaka inzu

Mu gitondo co kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Nyakanga umwaka w’2019 niho hatorwa ibisasu ntezwantoke bitatu, aho ni muri zone Musaga, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bishikirizwa n’ababitoye, ivyo bisasu ngo babisanze mu kibanza carimwo inzu ziheruka kubomorwa n’uwahaguze kugira ngo ahubake izindi nzu nshasha kuko izo zari zihasanzwe zari zishaje.

Bamaze kubona ivyo bisasu, abafundi bariko barahubaka baciye bahamagaye abajejwe umutekano kugira ngo babereke ivyo bigwanisho vyari bihambiriwe mu kamwanya, bikikekwa ko abahora bapanze muri urwo rupangu ubu batakihaba aribo boba barabihahamvye, amatohoza akaba yaciye atangura ubwo nyene kugira barabe ko bomenya abari banyegeje ivyo birwanisho muri ico kibanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755