homepagekirundi

Vg Wawa ntabwo nawuhagaritse Big-Fizzo yarampamagaye nzendakorera muri Bantu Bwoy

Vg Wawa ntabwo narinarabuze ahubwo nabuze abaza barashikiriza akazi kanje kumasamirizi atandukanye aba Promoter ntibanyiyumvamwo niyo mpavu ntagaragara bituma ncika intenge ndanabatera akamo bakore akazi kabo atankunzi barabe ibikorwa ninaho umuziki wacu uzoshika kurundi rwego.

Kubwa vg  wawa ngo umuririmvyi nink’Umusirikare kubwiwe indirimbo yose aba yakoze ukoyandika n’iciyumviro aba yabonye cohanura benshi arinaco catumye yandika indirimbo nk’Umusirikare hamwe n’Ubumenyi .

Mukiganiro yahaye Indundi Magazine aragaruka k’ururirimbo Umusirikare  yarukoranye numuririmvyi akuzwe cane hano iwacu ariwe Sat-B aho murirusangi bagaruka cane kubuzima buranga umusoda haba kurugamba eka nokwiteka baba bariko baratera igihugu cabibarutse arinayo yipfuza kwarose uwomufasha yoyikorera amasanamu,akanavugako  atamuririmvyi numwe arigera akora iciyumviro nkakirya c’indirimbo y’Umusirikare canke y’Ubumenyi nico gituma nkunda kwandika ndumwanditsi ntabwo shira imbere freestyle guko haba haruburyohe bubuzemwo. Mwomenyako umuririmvyi Vg Wawa asazwe yandikira indirimbo zitandukanye abaririmvyi bagenziwe bataribake haba abafise amazina eka nabacaruka.

Aranatera akamo kubafise uburyo kobofasha cane abaririmvyi guko aribo bafata iyambere muguteza imbere igihugu ngo nakare umuririmvyi aseruka mubintu vyishi haba mugutanga ubutumwa bwiza bunyaruka cane biciye mundirimbo zabo.

Mwomenya ko umuririmvyi  Vg Wawa ntabwo ari muri Managerment ya Bantu Bwoy ahubwo Big Fizzo yamwemereyeko afise nk’indirimbo agomba gukora ntazokwitinye azogende akorere muri Studio ya Bantu Bwoy akaba arico bamufasha nihagira igihinduka akajamwo bobimenyesha abakunzi b’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755