Entertainmententertainment Promotedhomepagekirundipromoted

Menya imwe mu masanamu Sat-B yakoreye muri Tanzaniya

Inyuma yo gukorana  indirimbo n’umutazaniya ariko avyifatamwo neza muri kino gihe ariwe Asley, ni Sat-b, habonetse isanamu muri  Tanzaniya ari mu bibanza bisa nk’aho hariko hakorerwa ikindi gikorwa c’amasanamu.

Kuva uwo muririmvyi agiye mu gihugu ca Tanzaniya kumenyekanisha ururirimbo Don’t cry yakoranye na Asley haragiye haraboneka ko hiyongereye igitigiri c’abakurikirana ibikorwa vya Sat-b bo muri ico gihugu hatibagiwemwo cane cane ba bigeme baja mu masanamu y’indirimbo aribo bita Video Vixen (Queen video).

Naho Sat-b ubwiwe atarabigaragaza canke ngo yemeze ko hari ikindi gikorwa yoba yarakoreye muri ico gihugu, hagaragaye isanamu imwerekana ari mu gikorwa co gufata amasanamu y’iyindi ndirimbo itarashobora kumenyekana umwanya canke izina rizoyiherekeza isohowe n’umwe mu boba bari muri ayo masanamu mu gihugu ca Tanzaniya. Mubucukumbuzi twakoze kurubuga rwa Instagram twarashoboye kubona isanamu yerekana umukobwa (Video vixen) wo mugihugu ca Tanzania ari kumwe na Sat-B aho yakoresheje amajambo avuga ati: « Burundi & Tanzania Up to something😉😜✌🏼 .»

Ntivyatevye manager wa Sat-B nawe aca aramwishura muri Commentaire ati: «Swagg boy n di gyal, let wait n see what is gonna happen✨ btw u are looking amazing☺ », eka na Sat B ubwiwe yahavuye yandika ati: «It’s gonna be 🔥🔥🔥🔥🔥.»

Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma y’aho aviriye gukora Media Tour muri Tanzaniya agaca anatangura kwizerwa n’amashirahamwe atandukanye ya hano iwacu mu guhagarikira ibikorwa vyayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769