BurundiDevelopmentDon BrigtherFabelovehomepageJusticekirundiTestosteroneyouth

Urwaruka rugiye guhabwa imiriyaridi 3 kugira rwiteze imbere

Amafaranga y’amarundi angana n’imiriyaridi zitatu niyo Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yaraye yemereye urwaruka mu kurufata mu mugongo mu migambi yarwo yo kwiteza imbere.

Mu gihe yari aramutse yipfuriza abarundi n’ababa mu Burundi umwaka mushasha mwiza w’2019, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko muri rusangi, umwaka twaraye duhejeje wagenze neza naho hatabuze utunenge dutoduto tugiye kuzokosorwa muri uyu mwaka twatanguye.

Perezida Petero Nkurunziza yaboneyeho guhamagarira urwaruka kwijukira gushinga amakoperative maze nawe arwemerera kuzorufata mu mugongo mu kururonsa ingurane izorihwa ku nyungu itavuna, iyo ngurane ikaba ingana n’amafaranga imiriyaridi zitatu z’amarundi.

Ico gitigiri, Perezida Nkurunziza amenyesha ko mu myaka iri imbere kizokwongerwako cisununure mu ntumbero yo kurwanya ubushomeri buhanze urwaruka.

Twomenyesha kandi ko muri iryo jambo, Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yisunze ingingo y’114 yo mw’ibwirizwa nshingiro yatanze ikigongwe ku banyororo bari bakatiwe umunyororo uri musi y’imyaka itanu, abapfasoni bonsa hamwe n’abagendana ubumuga budasanzwe, abamaze guheza igice c’umunyororo bakatiwe n’abandi bo mu yindi mice tutiriwe turavuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769