Developmenthomepagekirundi

#Kampala-Bujumbura| Memento yatezuriye abadandaji

Ibimodoka bishaje, gusivya ingendo,gupfira mu nzira bigatuma abantu badashika ku mwanya hamwe n’imishwano kuri ba mukerarugendo nivyo vyahoze biranga ishirahamwe Friends ryahora ryunguruza abantu bava i Bujumbura bagenda mu gisagara Kampala.

Ku mugoroba wo kur’uno wa 15 Munyonyo mu gisagara ca Kampala niho imodoka yambere y’ishirahamwe Memento yafata urugendo ruyivana i Manamba yerekeza  ku Mukaza.

N’akanyamuneza kadasanzwe ku badadaza kumwe n’ingezi zirangurira imirimo yazo mu Bugande kuko ibibazo vy’urugendo bigiye kugabanuka.

Bamwe mu ngenzi zari zerekeje I Bujumbura bashoboye kuyaga na Indundi Magazine batumenyesheje ko bari mukanyamuneza kadasanzwe kubona bafashe urugendo n’imodoka bizeye, eka na bamwe mu bakozi biryo shirahamwe twayaze batumenyesheje ko ingendo zigiye kugenda neza kuko bafise imiduga mishasha ikwiye kandi yizewe.

Ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu Memento kuva ritanguye gukorera hano mugihugu iwacu n’ishirahamwe riguma rikura cane ryizewe  kandi rifise imiduga myinshi cane ija mu gihugu hagati.

Mwomenya ko abenshi bari basigaye bafata imiduga myinshi kandi izimvye kugira bashike mu Buganda ingendo zabaruhisha kandi zitizewe na gato.

Mwomenya kandi  kandi ko ibibazo vyo kwiyunguruza bava mu Burundi baja mu Buganda vyatanguranye n’amagume afatiye ku mu bano mubi uri hagati y’u Burundi kumwe n’igihugu kibanyi u Rwanda, vyatumye imiduga ija mu Buganda ifata ingendo zirezire zihingura muri Tanzania ivyatumye I tike ryo kwiyunguruza riduga ku rugero rudasanzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760