IKIRUNDI_news

Aba bashobora kuzoboneka muri Album nshasha ya Diamond Platnumz 

 Mu gihe hagitegerejwe ishirwa ahabona ry’urukurikirane rw’indirimbo yaramaze igihe akorera muri Afrika y’Epfo kandi bivugwa ko izobonekamwo abaririmvyi batari bake, Nasibu iyo ari muri Amerika abandanya yongereza igitigiri c’abaririmvyi bashobora gukorana.

Muri ino misi mike iheze kuva abuze agashimwe ka BET, uwo muririmvyi abandanya gushira ahabona abaririmvyi batandukanye bo muri Amerika babandanya bahura nawe. Mu bamaze kuboneka harimwo n’abasanzwe bamukurikirana ku rubuga rwa Instagram asanzwe akoresha, rukurikirwa n’abarenga 12,000,000.

Mubo aheruka kwerekana , harimwo Wiz Khalif ari muba Rappeur bakomeye muri ico gihugu, ariko kandi ari mu bamaze igihe mu muziki muri ico gihugu. Uwo akaba yitezweho indirimbo hamwe n’uwo muririmvyi, kuko bizwi ko Nasibu atajanwa na kamwe.

Urwo rukurikirane rwitezwe, rukaba rushobora kuzobonekamwo abaririmvyi batandukanye b’ibihangange, ariko kandi rukaba ari urukurikirane rushobora kuzomumenyekanisha cane gusumba mu mahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037