Entertainmenthomepage

Abagabo n’abo bagiye gushikirwa muri Siren Vibe

N’abagabo nabo ngo barafise inkuru zo kuvugwa kurya abagore bazifise, none ngo nibahabwe ijambo, nkuko abagore barihawe mu kinyamakuru Siren Vibe. Ivyo n’ibiheruka gusabwa n’uwushobora kuba ari umugabo muri Storie ya Instagram ya Gretta.

Ikimenyeshamakuru Siren Vibe gishobora kuba kigiye gutanguza ibiganiro bizogaruka ku Bagabo n’abo, nkuko gushika ubu ibigaruka ku bagore arivyo vyinshi cane ,narirya n’abagikorwamwo bagizwe n’igice kinini c’igitsinagore.

Mu kwishura ibibazo ku rubuga rwa Instagram, Gretta umwe mu basanzwe bakora ibiganiro Kuri Siren Vibe. Yabwiwe n’uwushobora kuba ari umugabo, ko ngo n’abo babibagiye, Kandi nabo bafise inkuru zo kuvuga.
Uwo mugore ari mu batanguje ikiganiro Girlfriend gikunzwe Kuri urwo rubuga rumaze imyaka iri musi 5, ariko Vuba cane rugiye gukwiza abakurikirana barenga 100,000, akaba yavuze ko n’abagabo n’abo mu misi ya Vuba, ngo bagiye kwibukwa mu Biganiro.
Ntiyamenyesheje nimba bafise umugambi wo gukora ikiganiro kizohora gitumirwamwo abagabo nkuko bikorwa muri Girlfriend, canke bazohora babatumira mu biganiro bisanzwe.
Iyo nyishu ikaba yajanye n’i FOTO arikumwe na Hosy irakoze basanzwe bakorana ico kiganiro ariko Kandi aranamu Tagginga, nkuko bikunze gukorwa Kuri urwo rubuga Rwa Instagram.
Ikiganiro gishobora kuba ari kimwe mu bimaze gukorwa muri urwo rutonde rw’ibiganiro vyahawe akazina ka Girlfriend, kimaze gutumirwamwo umugabo, kikaba kitarabwa ryiza n’abatari bake, mbere kinavamwo amaterabwoba yo kwotwarirwa canke kwihorwa.

Ico kiganiro kikaba cari catumiwemwo umwe mu bakunda gukoresha Twitter, aho bariko bavuga kuba Influencer, kuko hariho umwe muribo yari yagirijwe kwiba Imodoka, n’ama Camera, bituma akazina k’aba Influencer barabwa nabi imisi itari mike Kuri izo mbuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707