Entertainmenthomepage

Ivya Big Fizzo Kwa Drama T ntivyari gukunda

Ukutaboneka Kwa Big Fizzo mu giteramo ca Drama T mu Bubirigi, binaheruka kwemezwa na Drama T ubwiwe, ngo vyari bisiguritse nkuko biheruka gushikirizwa n’igicocoro Pacifique Nzitonda, aho yashikirije Imvo zimwe zatumye uwo mugabo wa Stein atahaboneka.

Igenekerezo rya 27/5, umuririmvyi Drama T yari yararamutse akorera igiteramo mu gihugu c’Ububirigi neza neza I Buruseri, ariko Kandi bukeye yaciye akubitira I Bordeaux mu Bufaransa naho kuhakorera ikindi giteramo.
Uwo musi Big Fizzo ntiyahabonetse, ivyavugishije benshi, kuko indwi nka 2 imbere Yuko uwo musore akorera igiteramo muri ico gisagara bari bakiriye mugenziwe Nimbona Jean Pierre benshi muzi nka Kidum, Kandi Mugani yarahabonetse anamufasha kukimenyekanisha kuko yabashije gucisha ku mbuga ziwe zibarizwako abarenga 400,000 ivy’uci giteramo.
Iyo ngendo yo kutahaboneka, Kandi bizwi ko ari umwana yareze, biheruka kubazwa Pacifique Nzitonda asanzwe ari igicocoro muri uno Muziki wa hano iwacu, kugira hamenyekane ico abona ko coba catumye uwo muririmvyi atahaboneka.

Nzitonda, mu kiganiro yagiranye na Juste Gael, yavuze ko Big Fizzo atari kuhaseruka muri kirya giteramo ca Drama T mu Bubirigi bivuye ku mvo zitari nke.
Imvo imwe n’uko hari hagize imisi hari ukutavuga rumwe hagati ya Big Fizzo hamwe na DJ Paulin, ari nawe yarahagarariye ico giteramo c’uwo muririmvyi muri ico gihugu.
Iyindi mvo ishoboka ngo nuko atawuzi vy’ukuri Big Fizzo ko yari muri ico gihugu muri ico gihe igiteramo ca Drama T kiba.
No ku ruhande rwa Drama T nawe nyene aheruka kwemeza ko Big Fizzo atahabonetse, kuko ngo ikibanza cari categuriwe abaririmvyi baje muri ico giteramo, ngo yarakibonyemwo abandi benshi, ariko we ntiyigeze ahamubona.
Muri ico kiganiro nyene na Juste Gael, iyo nararibonye yavuze isa n’uwubeshuza amakuru aheruka gutangwa na Drama T avuga ko ukumenyekana kwiwe bitavuye Kuri Big Fizzo, ivyo yaganiriye abo Kuri TYS TV, imbere gatoya yo kwerekeza ku mugabane w’uburayi.
Pacifique akaba kubwiwe yavuze ko Drama T yoreka kubesha, kuko ngo abantu bamumenye cane aho akubitiye muri Bantu Bwoy, kuko we kubwiwe ngo igihe avuga ko yarazwi co Kuri Vovota yakoranye na MB Data ngo ntiyarazwi.
Nayo ku mubano wa Big Fizzo na Drama T, abantu batari bake bakaba bazi ko abo baririmvyi 2, banigeze gukoreranira, umwe aho aciye uwundi yohaturira, ariko ngo siko bimeze na Gato.
Mu ruhererekane rw’ibibazo uwo muririmvyi Drama T aheruka kubazwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yabajijwe igihe baheruka kuvuganira na Big Fizzo, yishura ko ata misi 3 yarigeze bavugana, Kandi ngo ata kibazo na kimwe bafitanye.
Muri ivyo bibazo nyene habajijwe ryari bazobona Collabo yabo, Drama T yishuye ko atari Vuba, kuko we ata mugambi afise wo gukorana Indirimbo na Big Fizzo.
Aha mukibuka ko hari Indirimbo zitari nke zabonetsemwo Drama T na Big Fizzo, akibarizwa muri uwo muryango wareze abaririmvyi uno musi bariko baravyifatamwo neza cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706