Burundicultureculture_featureÉnergieEntertainmentgroups-member-promotedkirundi

#Abagarukirakaranga| Nubwo babwira abadashaka kubumva ntibazoreka gusemerera

Bahoze ari ba rurangiranwa mu makungu ariko ubu umukungugu ntubaha agahengwe, abo nabo si abandi n’abatama bahurikiye mu murwi ndanga akaranga “Abagarukirakaranga” bahoze baremesha ibiteramo haba i Bwami, i Bukuru ndetse no hanze y’igihugu nko ku mugabane wa BURAYA, AMERIKA, n’ahandi ubu bugarijwe n’ubukene bwokora amakara bugata.

Ngo ntibazohagarika umwuga wabo n’ubwo wiziziwe n’ibisuma n’abambuzi, ubu bariko bigisha urwaruka bazosigira uwo mwuga bongera bategura ibiteramo vyo gushira ahabona urukurikirane r’indirimbo zabo zo mu busaza.

Bataka batakambira abatware n’abarongozi ko bogarukira igisata c’umuziki mu gihugu kuko cugarijwe n’abanyonyezi, maze bakabakubita intahe mu gahanga.

Ayo bagowe, ibikorwa vyo kwigisha ba samurarwa babo aho bigeze, uko bariko bitegurira ibiteramo, indirimbo Maria Makurata n’ibindi vyinshi ni mu kiganiro abo batama batanze imbere y’uko umwaka wa 2020 urangira.

Ido ni’ido ni hano musi .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 588