East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Abakiriya b’uburiro n’ububare muri Kigali bategerezwa kuba barahejeje kwikingiza Covid 19

Inyuma y’imisi bagize igihe bataha isaha 6 z’ijoro, Ubu Mu Rwanda nta wemerewe kuba ari inyuma y’urugo isaha 4 z’ijoro, kiretse yabiherewe uruhusha. 

Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji wa mbere w’Urwanda Dr. Edouard Ngirente, hahinduwe ibitari bike mu vyari vyarekuriwe bisubire kandi gukora ukuri kwamye.

Ibikorwa vyose bitegerezwa kuba vyugaye guhera isaha 3 z’ijoro, ama Karaoke, n’ibiteramo vy’umuziki vyasubiriye kandi guhagarikwa. Abagiye i Kigali baciye ku kibuga c’indege ngo bategerezwa kubanza kwanza kuja mu kato k’imisi 3.

Nayo abagana Uburiro (Restaurant) canke ububare (Bar) buri muri Kigali co kimwe n’ubwo mu bindi bisagara vyunganira Kigali, ngo bategerezwa kuba bararangije kwikingiza ico kiza ca Corona Virus.

Izo ngingo zafashwe kuri uyu wa gatanu, zikaba zizotangura gushirwa mu ngiro kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20/12.

Mukamenya ko ivyo biriko bifatwa mu gihe umugera mushasha wa Corona Virus wiswe Omicro wamaze kugera muri ico gihugu kibanyi. Ubu bakaba bageze ku bamaze kwandura uwo mugera barenga 100,000 hamwe n’1,344 bamaze gutwarwa n’ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688