IKIRUNDI_news

Abakurikirana Shaddy Boo basubijwe mu kibanza ciwe, yishize hejuru

Harya ng’uwuvuga aba atarabona, akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, Shadia benshi bamenye nka SHaddy Boo yifatiye mu gahanga ivyamamare bitandukanye avuga ko ariwe afise abantu benshi bamukurikirana ku mbuga nga Instagram na Twitter. Mu majambo yashikirije, yibagiye ko ariko abwira abantu bakuze, noneho bamusubiza mu kibanza ciwe.

Yagize ati : “None se kuki mu byamamare byose dufite muri miliyoni 13. Kuki aringe ufite aba Followers enshi kuri Twitter na Instagram?”

Mu bagize ico bashikiriza kuvyo yari yashikirije, bamwe bamuhaye akarorero k’abatari bake bamusumvya abamukurikirana kuri Twitter. Arho bamuhereye ku mukuru w’igihugu aho uno musi ageze ku barenga Imiliyoni 2 bamukurikirana kuri Twitter.

Ariko hampande y’abamurusha, uwo munyamideri bamweretse impamvu asubimvya abatari bake gukurikiranwa cane. Bamwe bamweretseko ari kubera ngo ata kintu kizima abaha, abandi nabo bamubwira ko abo benshi bamukurikirana ari abakunda gukurikirana ibintu bibi, kuko ngo bake nibo bakurikirana ibintu bizima.

Mu bamwishuye hari n’abamubwiye ko ari indyadya kuko ata muntu n’umwe akurikirana kuri urwo rubuga rwa Twitter, kuko we akurikirwa n’abarenga 29,400 mu gihe ata numwe akurikirana, nayo kuri Instagram akaba akurikiranwa n’abarenga  856,000, agakurikirana 222 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037