IKIRUNDI_news

Abari bisonzesheje kubera Matabaro, ngo bagiye guhabwa ico kurya

Matabaro  yoba agiye kandi gushinga imizi mu muziki wa hano iwacu, naho atakihabarizwa? Ico n’icizere uwari wese yogira amaze kwumva ko uwo muririmvyi agiye kandi gusubira kuboneka mu masanamu y’indirimbo zitari nke agize imisi akora.

Uwo mwanditsi w’indirimbo nka Only God, Bite, Why n’izindi zitari nke , amaze igihe kitari gito yarabuze, umuziki wiwe ataboneka cane, naho kuririmba vyo bivugwa ko atahagaritse, kuko ku rubuga rwiwe rwa Youtube muri iyi myaka 3 iheze, hagiyeko izitari nke.

Naho wumva atahagaritse, inguvu z’ukumenyekanisha ivyiwe zo biraboneka ko zitiyongereye cane, kuko baba abamukurikirana kuri urwo rubuga, co kimwe n’abaziraba s’ikirenga nk’abo barukiye rimwe muri uwo muziki.

Iyo ntwari iri mu nkehwa zatahukanye ama Miliyoni ya Primusic, rimwe mu mahiganwa aho hambere hahise yaba arindiriwe na benshi hano iwacu, ariko uno musi ryibagiranywe n’uwutaco yamaze, ngo yoba iriko iritegurira gusubira kwiyubura .

Amakuru dukesha abamwegereye avuga ko uwo muririmvyi uno musi abarizwa muri Canada, ngo mu kwezi kw’12, azofata rutema ikirere yerekeza ku mugabane wa Africa aho azoba azanywe n’ugukora amasanamu y’indirimbo zitari nke zimaze gukorwa ama Audio, nayo abarizwa ku rubuga rwa Youtube.

Ntiharamenyekana neza igihugu azokoreramwo, ariko amakuru ahari avuga ko ari muri Afrika y’ubuseruko.

Ubwo azohava aca abandanya aza mu gihugu c’amavukiro? Canke ntazohava akora kamwe canke 2 gusa, noneho ace asubira kunyoteza abakunzi b’ibikorwa vyiwe? Nico naco niwe yoduha umuco.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037