Entertainmenthomepage

Abari Denmark na Canada bitege Fortran Bigirimana mu mezi ari imbere

Inyuma yo gukora Ibiteramo mu bihugu bitandukanye vya Afrika n’uburayi Fortran Bigirimana agiye gukorera ibiteramo mu gihugu ca Canada mu kwezi kw’9, nkuko vyabonetse.

Amakuru ava ku rubuga rwa Facebook, rwa Fortran Bigirimana avuga ko uwo Mugabo muri uku kwezi kw’9, azokorera mu bisagara 3 vyo muri Canada ibiteramo.
Ottawa, Winnipeg na Montreal akaba arivyo bisagara bizobona uwo muririmvyi, ariko akaba atazoba atari wenyene, kuko azoboneka hampande y’abandi baririmvyi barimwo abarundi n’abanyarwanda.
Nkuko iyo Affiche yavyerekanye Fortran Bigirimana azoba arikumwe na Willy Uwizeye, umuririmvyi wa Gospel w’umurundi asanzwe aba muri ico gihugu, ariko Kandi akaba azoba arikumwe na Gentil Misigaro, umuririmvyi w’umunyarwanda basanzwe banafitanye Indirimbo.
Uwundi azohaboneka akaba ari Clark kaze.
Muri ivyo biteramo ibiciro bikaba bizoba ari bimwe, kuko azoba ari ama $35 ahasanzwe, hamwe n’$60 muri VIP. abari Ottawa akaba aribo bazomubona imbere, kuko azoba ariyo igenekerezo rya 15/9, bukeye akaba ariho azoca yerekeza muri Montreal. Haheze indwi nukuvuga igenekerezo rya 29/9 akaba azoca ateramisha abari Winnipeg nabo.
Imbere yuko yerekeza muri ico gihugu, Fortran Kandi yanatumiwe n’Urusengero Zion Temple rukorera Copenhagen muri Denmark aho azoboneka mu gikorane kizomara imisi 3, kuva igenekerezo rya 2-4 muri kwezi Kwa 6. Umukozi w’Imana Apostle Gitwaza akaba azoba nawe yahishikiye.
Fortran akaba akoze ibi biteramo inyuma yaho akoreye Indirimbo zitari nke mu Kirundi, akanakorana n’abaririmvyi batari bake barimwo abanyarwanda n’abarundi.
Kuko yamaze igihe akora Indirimbo ziri ku ndimi mva makungu nk’igifaransa, canke icongereza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722